Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 24:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Ariko Feliki, kuko yar’ azi neza ivy’ Iyo Nzira ivy’ ari vyo, arabibīka, ati Lusiya umukuru w’abagabisha b’abasoda ni yaza, nzoca urubanza rw’amajambo yanyu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Maze Felisi, yari asanzwe azi neza ivy’Inzira y’Umwami Yesu, aca yungururiza urubanza ku rindi sango, avuga ati: “Lusiyasi umukuru w’abasoda niyaza nzoheza ndabacire urubanza.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 24:22
11 Referans Kwoze  

kandi cane‐cane kuk’ uzi imigenzo n’impāri vyo mu Bayuda vyose: ni co gitumye nkwinginga ngo wihangane, unyumvirize.


None mbuze ijambo rimenyekanisha ivyiwe ryo kwandikira umwami wanje, ni co gitumye ndamuzana imbere yanyu, kandi cane‐cane imbere yawe, mwami Agiripa, kugira ngo ni twamara kumusiguza, mbone ico kwandika.


Imisi mike ishize, Feliki azanana n’umugore wiwe Durusila w’Umuyudakazi, ahamagaza Paulo, yumviriza ivyo avuga ku vy’ukwizera Kristo Yesu.


Arikw iki ni co nkwemerera: n’uk’ ukw iyo Nzira iri, iyo abo bita igice, ari ko nkorera Imana ya ba sogokuruza bacu, nemera vyose bifatanije n’ivyagezwe kandi vyanditswe mu vy’abāvugishwa n’Imana;


Icēgēra ca Kayisari kimaze kumukebura ngw avuge, Paulo aramwishura, ati Ndazi k’umaze imyaka myinshi ur’ umucamanza w’ubu bgoko, ni co gitumye niregura ivyanje ndemye;


Kandi yagejeje no guhumanya urusengero, turamufata, [twāri tugomvye kumucira urubanza nk’ukw ivyagezwe vyacu bivuga.


Bamwinginze ngw amarey’ iyindi misi ntiyabakundira.


abo bacamanza baze babibariritse neza; maze ni basanga uwo muntu avuga ibinyoma, kw abeshera mugenzi we,


Buno Herode ahamagaza ba banyabgenge mu mpisho, abasiguza igihe iyo nyenyeri yabonekeye.


amusaba ivyete vyo guha ab’ amasinagogi y’i Damasiko, kugira ngo ni yabona abantu bakurikira Inzira ya Yesu, ar’ abagabo cank’ abagore, abajane i Yerusalemu mu ngoyi.


Mbere turi mw irinde, kumbure ibibaye uyu musi vyotuma turegwa ubugarariji, kukw ata nyanduruko; kandi ntituzoshobora gusobanura icakoranije iri shengero rivurunganye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite