Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 24:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ni co gituma na ntaryo nkobereza kugira umutima utanyagiriza ikibi ku Mana canke ku bantu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ni co gituma nkora ibishoboka vyoshe kugira namane umutima utanyagiriza ikibi na kimwe imbere y’Imana n’imbere y’abantu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 24:16
20 Referans Kwoze  

Paulo ahanga amaso abanyekombe, arababgira, ati Bagabo bene Data, nāmanye umutima utarimw’ ijwi rinyagiriza ikibi na kimwe imbere y’Imana gushitsa kur’ uyu musi.


Arikw inyanduruko y’ukwigisha kwacu n’ukugira ngo bagire urukundo ruva mu mutima utanduye, utarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, no ku kwizera kutar’ ukw’ uburyarya.


Twanse ibiteye isoni bikorerwa mu mpisho, ntitugenda mu bugunge, ntidufudika ijambo ry’Imana, ariko kwerekana ukuri ni kwo twishimagirisha mu nyonga z’Imana ku mutima w’umuntu wese.


twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.


kuko berekana igikorwa kibgirijwe n’ivyagezwe canditswe mu mitima yabo, ijwi ryo mu mitima yabo ribgiririkanya na co, ar’ icabona cavyo, kand’ ivyo biyumvira bifatanya kubarega canke kubaregura.


Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.


Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bg’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukūrah’ imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utāgiriza ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo,


Ku badahumanye nta gihumanye, ariko ku banduye, batizera, nta kidahumanye, arik’ ubgenge bgabo n’imitima ibāgiriza vyaranduye.


Kukw ata co niyiziko, ariko si co kintsindishiriza; arik’ ūncira urubanza n’Umwami wacu.


mufise imitima itarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, kugira ngo no ku vyo muvugwa nabi, abatuka ingeso zanyu nziza zo muri Kristo bamāramāre.


Kukw igishimwa ar’ uk’ umuntu, namb’ ahanūwe n’ijwi ryo mu mutima gukora ivy’ Imana igomba, yokwihanganira imibabaro ahōwe ubusa.


Mudusengere, kuko tuzi tudakekeranya ko turi n’imitima itarimw’ ijwi ritwagiriza ikibi, tugomba kugira ingeso nziza muri vyose.


mbeg’ amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembga, abitewe na Mpwemu ahoraho, ntazorushiriza guhumanura imitima yanyu ngw ibikorwa vy’impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima?


Imana, nkorera nkurikiye ba sogokuruza, mfise umutima utanduye, utarimw’ ijwi rinyagiriza ikibi, ndayishimira yuko nkwibuka ubudasība, uko nsenze, ijoro n’umurango.


Mwebge mur’ ivyabona hamwe n’Imana vy’ingene twamerera mwebge abizera, tur’ abera, tugororoka, tutarik’ umugayo:


Ariko bagumye ibanga ry’ukwizera, bafise imitima itarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi.


ugumye ukwizera, ufise umutima utarimw’ ijwi rikwagiriza ikibi; iryo bamwe bāshibuye bakamera nk’ubgato busāvye mu vy’ ukwizera.


Ndavuga ukuri muri Kristo, simbesha, ijwi ryo mu mutima wanje ribgiririkanya nanje muri Mpwemu Yera,


Ntimubere Abayuda igitsitaza, cank’ Abagiriki, cank’ ishengero ry’Imana:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite