Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 24:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Arikw iki ni co nkwemerera: n’uk’ ukw iyo Nzira iri, iyo abo bita igice, ari ko nkorera Imana ya ba sogokuruza bacu, nemera vyose bifatanije n’ivyagezwe kandi vyanditswe mu vy’abāvugishwa n’Imana;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ariko ndemera ko nsenga Imana ya ba sogokuruza nk’uwukurikira ya Nzira, iyo bo bise idini ry’ubuzimire. Nizera ibihwanye n’ivyo ivyagezwe vyigisha vyose, hamwe n’ivyanditswe mu bitabu vy’abavugishwa n’Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 24:14
44 Referans Kwoze  

amusaba ivyete vyo guha ab’ amasinagogi y’i Damasiko, kugira ngo ni yabona abantu bakurikira Inzira ya Yesu, ar’ abagabo cank’ abagore, abajane i Yerusalemu mu ngoyi.


Ariko noneh’ ivyagezwe bitariho, ukugororoka kuva ku Mana kurahishuwe, gushingirwa intahe n’ivyagezwe n’ivy’ abāvugishwa n’Imana,


Basezerana na we umusi, baza iy’ ari ari benshi, mu nzu bamuhaye, arabibasobanurira, ashingira intahe ivy’ ubgami bg’Imana, abemeza ivya Yesu, abikuye mu vyagezwe vya Mose no mu vy’ abāvugishwa n’Imana, ahēra mu gitondo ashitsa ku mugoroba.


Imana ya Aburahamu na Isaka na Yakobo, ari yo Mana ya ba sogokuruza, yashimagije Umushumba wayo Yesu, umwe mwebge mwatanze mukamwihakanira mu maso ya Pilato, amaze kwahukanya urubanza rwo kumurekura.


None nabonye gutabarwa kwavuye ku Mana, ndacahagaze kugeza n’ubu, nshingira intahe aboroshe n’abahambaye, nta kindi mvuga atar’ ivy’ abāvugishwa n’Imana na Mose bāvuze ko bizoba,


Twabonye uyu muntu ar’ ikīza, atera umugararizo Abayuda bose bari mu bihugu vyose; ni we remezo ry’igice c’Abanazareti.


Imana, nkorera nkurikiye ba sogokuruza, mfise umutima utanduye, utarimw’ ijwi rinyagiriza ikibi, ndayishimira yuko nkwibuka ubudasība, uko nsenze, ijoro n’umurango.


Mwami Agiripa, uremeye ivy’ abāvugishwa n’Imana? Ndazi yuk’ uvyemeye.


Nikubitishwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe no kumusenga. Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So bafise ivyo gushingira intahe Yesu: Imana ba ari yo usenga. Kukw abashingira intahe Yesu baba bavugishwa na Mpwemu.


basesa igihe ic’ ari co n’ibimenyetso vyaco, cerekanwa na Mpwemu wa Kristo yari muri bo, yavuga yātagura ivy’ imibabaro ya Kristo bitaribgabe, n’ivy’ ubgiza bg’uburyo bginshi bgagira buze buyiherukire.


Ūzana ibice ni wamara kumuhanūra ubga mbere n’ubga kabiri akanka, ntukamwemere,


gusenga ibigirwamana, uburozi, ubgansi, intonganya, ishari, uburake, ikēba, kwitandukanya, ibice,


Kuko n’ibice bitobura kuba muri mwebge, ngw abemewe muri mwebge baseruke.


None mpagaze ngo ncirwe urubanza, kuko nizigira kuzobona ivy’ Imana yasezeraniye ba sogokuruza:


Ariko Feliki, kuko yar’ azi neza ivy’ Iyo Nzira ivy’ ari vyo, arabibīka, ati Lusiya umukuru w’abagabisha b’abasoda ni yaza, nzoca urubanza rw’amajambo yanyu.


Aravuga, at’ Imana ya ba sogokuruza yagutoranirije kumenya ivy’ igomba, no kubona wa Mugororotsi, no kwumva ijwi riva mu kanwa kiwe:


Ariko bamwe bikomantaje imitima, b’intumva, batukira Inzira ya Yesu imbere y’abantu, ava muri bo, arobanura abigishwa, uko bukeye ahārīrira mu nzu yo kwigishirizamwo ya Turano.


Isomwa ry’ivyagezwe n’ivy’ abāvugishwa n’Imana riheze, abakuru b’isinagogi batuma kuri bo, bati Bene Data, ni mwaba mufise ijambo ryo guhanūra abantu, ni murivuge.


Abāvugishwa n’Imana bose bāmushingiye intahe, bavuga yuk’ ūmwizera wese azoharirwa ivyaha kubg’ izina ryiwe.


ati Ni jewe Mana ya ba sogokuruza bawe, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo. Mose ahinda agashitsi, ntiyatinyuka kwihweza.


Imana ya ba sogokuruza yazuye Yesu, uwo mwebge mwishe mumumanitse ku giti.


Filipo abona Natanayeli, aramubgira, at, Uwo Mose yanditse mu vyagezwe, n’abāvugishwa n’Imana bakamwandika, twamubonye, ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.


Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.


Atangurira kuri Mose no ku bāvugishwa n’Imana bose, abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyanditswe kuri we.


Aburahamu aramubgira, ati Bafise ivya Mose n’ivy’ abāvugishwa n’Imana, ni babumvire.


Ivyagezwe, bo n’amajambo y’abāvugishwa n’Imana, vyabayeho gushitsa igihe ca Yohana: uhereye ico gihe ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana ni ho bgavugiwe, umuntu wese akabubandanira.


Nk’uko yavugiye mu kanwa k’abera yavugisha, bāhereye mbere na mbere,


Kur’ ayo mabgirizwa yompi ivyagezwe vyose n’amajambo y’abavugishwa n’Imana ni yo vyenenako.


Umuntu wese azonyaturira imbere y’abantu, nanje nzomwaturira imbere ya Data wo mw ijuru.


Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe; kukw ivyo ar’ ivyagezwe n’ivy’ abavugishijwe n’Imana.


Amahanga menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, mk ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’ inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho.


Abarahira ubuyobe bg’i Samariya, bati Nk’ ukw imana yawe ihoraho, ewe Dani; kandi bati Nk’uko bga bgirukiro bgawe bur’ aho, ewe Beri‐sheba: na bo nyene bazogwaho, ntibasubire kuvyuka ukundi.


Nzovugira imbere y’abami ivyo wihanikirije, Simmāramāre.


Ewe Uhoraho, Mana ya ba sogokuruza bacu Aburahamu na Isaka na Isirayeli, uze wame ukomeza mu mitima y’abantu bawe iyo migabo n’ivyo vyiyumviro, kandi wame werekeje imitima yabo kuri wewe.


Imana yongera kubarira Mose, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, ut’ UHORAHO, Imana ya ba sogokuruza, yabantumyeko, ni yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo: iryo ni ryo zina ryanje ry’ibihe bitazoshira, iryo ni ryo rizobabera icibutso canje, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana.


Nko mur’ ico gihe havyuka imivurungano itari mike kubg’ Inzira ya Yesu.


Maze hava hasi bamwe bo mu muce w’Abafarisayo bizeye, baravuga, bat’ Abanyamahanga birakwiye ko bakebga, no kubabgiriza kwitondera ivyagezwe vya Mose.


Paulo ariregura, ati Nta caha nakoze, ari ku vyagezwe vy’Abayuda, canke ku rusengero, canke kuri Kayisari.


Ingeso zanje, uhereye mu buto bganje, izo nārukanye mu bgoko bgacu n’i Yerusalemu, Abayuda bose barazizi.


Ariko turagomba kwumva ivyo wiyumvira, kukw ico gice tuzi yuko bakivuga nabi hose.


Imana, nkorera mu mutima wanje mvuga ubutumwa bgiza bg’Umwana wayo, ni yo ntanzekw icabona yuko mbahoza mu kanwa ubudasība,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite