Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 24:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Icēgēra ca Kayisari kimaze kumukebura ngw avuge, Paulo aramwishura, ati Ndazi k’umaze imyaka myinshi ur’ umucamanza w’ubu bgoko, ni co gitumye niregura ivyanje ndemye;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Wa mukuru w’intara ahaye ijambo Pawulo ngo avuge, yiregura avuga ati: “Ndazi ko haheze imyaka myinshi ucira imanza abo muri iki gihugu; ni co gituma nezerejwe no kwiregura imbere yawe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 24:10
12 Referans Kwoze  

ariko mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya,


Agiripa abarira Paulo, at’ Uremerewe kwiregura. Maze Paulo aramvura ukuboko, ariregura,


Kandi bazane n’amafarasi kugira ngo bayashireko Paulo, bamushikane kwa Feliki icēgēra ca Kayisari akiri muzima.


Amukundiye, Paulo ahagarara ku ngazi y’amabuye, amama abantu: hamaze kuba agacerere rwose, ababarira mu Giheburayo,


Maze basokorora Alekisandero mu bantu, Abayuda bamwīgiza imbere. Maze Alekisandero arabamama, agira yiregure ku bantu.


ariko kw ar’ibihāri vy’amajambo n’ivy’ amazina n’ivy’ ivyagezwe vyanyu ubganyu, ni mubimare ubganyu: jeho singomba guca urubanza rwa ben’ ivyo.


Paulo ava hasi, arabamama, arababarira, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, namwe abubaha Imana, ni mwumve.


Arabamama, abīgānira uk’Umwami Imana yamukūye mw ibohero, arababgira, at’ Ivyo mubibarire Yakobo na bene Data bandi. Arahava, aja ahandi.


arababgira, ati Mu gisagara habaye umucamanza, adatinya Imana, ntagire udusoni ku bantu.


Aramubaza, ati Mbega wa mugabo, ni nde yanshizeho kuba umucamanza wanyu, canke kubagaburira ivyanyu?


Umuntu ni yacumura ku wundi, Imana ishobora kubuzuza; arik’ uwocumura k’ Uhoraho, ni nde yomuvugira? Yamara bīrengagiza ivyo se ababariye, kuk’ Uhoraho yari yagabiye kubica.


Kandi ni bābajana mu masinagogi bakabashīra abakuru n’abaganza, ntimuze muhagarikire imitima ico mwireguza n’ingene mwiregura, n’ico muvuga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite