Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 24:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Imisi itanu ishize, umuherezi mukuru Ananiya amanukana n’abakuru bamwe n’uwo kubavuganira yitwa Teritulo, barega Paulo ku cēgēra ca Kayisari.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Haciye imisi itanu, umuherezi mukuru Ananiya amanuka i Kayisariya ari kumwe n’abatware n’umucamanza yitwa Teritulo, bazana ibirego barega Pawulo kuri wa mukuru w’intara.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 24:1
15 Referans Kwoze  

kuk’ ushobora kumenya yukw imisi itarasāga icumi n’ibiri, uhereye aho nadūgiye i Yerusalemu gusengerayo.


Ananiya umuherezi mukuru abarira abamuhagaze i ruhande kumukubita ku munwa.


Abaherezi bakuru n’abahambaye bo mu Bayuda bamuregako Paulo, baramwinginga,


aravuga, ati Nzokwumva ivyawe abarezi bawe ni bamara kuza. Agera ko bamurindira mw iboma ya Herode.


Maze mbariwe yuko bahigiye uwo mugabo, nca ndamukurungikira, mbarira abarezi ko bamuregera imbere yawe. Ndakwikebanuye.


Kandi bazane n’amafarasi kugira ngo bayashireko Paulo, bamushikane kwa Feliki icēgēra ca Kayisari akiri muzima.


Nukw iyo misi ndwi igira ishire, Abayuda bāvuye muri Asiya bamubonye mu rusengero, bavurunga ishengero ryose, bamushōrerakw amaboko,


Kukw abanyakibi bariko barafora umuheto, Bashira umwampi mu ruge, Kugira ngo barasire mu mwiza abafise imitima itunganye.


imvugo yanje n’ukwigisha kwanje ntivyarimw’ amajambo y’ubgenge yo kwemeza abantu, ariko vyaserukamwo Mpwemu n’ubushobozi,


Nanje, bene Data, hamwe nabasanga i wanyu, sinaje nd’agakūra mu majambo canke mu bgenge, mu kubamenyesha ibanga ry’Imana.


Aho nar’i Yerusalemu abaherezi bakuru n’abakuru b’Abayuda bambariye ivyiwe, basaba ko ndamucira urubanza.


Nuko ku musi washinzwe, Herode yambara impuzu z’ubgami, avyagira ku ntebe y’icubahiro, abacūrira amajambo.


n’umugabisha w’ingabo mirongwitanu n’umunyacubahiro, n’umujanama, n’umukozi w’umuhinga, n’umupfumu w’incabanganya.


Abo bashitse i Kayisariya bashīra icēgēra ca Kayisari ca cete, bamushikiriza na Paulo.


Amaze guhamagazwa, Teritulo atangura kumurega, ati Ni kubgawe igituma tugazagaza mu mahoro menshi, n’ibindi vyaroranirijwe ubu bgoko kubg’ imigabo yawe:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite