Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 23:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Habah’ urwamo rwinshi; bamwe mu banyabgenge b’ivyanditswe bo mu muce w’Abafarisayo bava hasi barahārīra, bati Nta kibi twabonye kur’ uyu muntu. Kumbure impwemu cank’ umumarayika yoba yavuganye na we.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Maze urwamo ruba rwinshi, hanyuma bamwe mu bigisha b’Ivyagezwe b’Abafarisayo bava hasi bavuga bashize amanga bati: “Uwu muntu twebwe tubona ata caha kimwagira. Nta wubizi, yoba yavuganye n’impwemu canke n’umumarayika!”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 23:9
23 Referans Kwoze  

Nikubita hasi numva ijwi rimbaza, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki?


Ishengero rihagazeho rivyumvise, riti N’umuturagaro. Abandi bati N’umumarayika avuganye na we.


maze basohotse baravugana, bati Nta co uyu muntu yakoze gikwiye kumwicisha canke kumubohesha.


Ariko nsanga ntiyakoze igikwiye kumwicisha, kand’ ubgiwe agomvye kwitwara kuri Augusito, ngabira kumumurungikira.


Mbona yuko bamurega amajambo y’ivyagezwe vyabo, ariko kw ata co yarezwe gikwiye kumwicisha canke kumubohesha.


Abanyabgenge b’ivyanditswe bo mu Bafarisayo babonye asangira n’abanyavyaha n’abatozakori babgira abigishwa biwe, bati Mbega kw asangira n’abatozakori n’abanyavyaha!


Inzira z’umuntu iyo zihimbaye Uhoraho Atuma n’abansi biwe buzura na we.


Cank’ Umwami tumutere ishari? Mbega tumurusha inkomezi?


Kuko mur’ iri joro umumarayika w’Imana, nd’ uwayo, kandi ni yo nkorera, yahagaze i ruhande yanje,


Kukw Abasadukayo bāhakana yukw ata kuzuka kuriho, cank’ umumarayika n’impwemu; arikw Abafarisayo bāvyemera vyompi.


None kw Imana yabahaye ingabire imwe n’iyo natwe twahawe hamwe twizera Umwami Yesu Kristo, jewe nd’ iki gishobora gutāngīra Imana?


Yikubita hasi, yumva ijwi rimubaza, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki?


ariko ni vyaba biturutse ku Mana, ntimuzoshobora kubatsinda, mwoye kuzosanga murwanya Imana.


Ababaza ubugira gatatu, ati Ku ki? Uyu yakoze ikibi ki? Simmubonakw igikwiye kumwicisha; nuko ndamukubita, ndamurekure.


Pilato abgira abaherezi bakuru n’ishengero, ati Nta caha mbona kur’ uyu muntu.


Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe bafatanye na bo bidodombera abigishwa ba Yesu, bati N’iki gitumye musangira n’abatozakori n’abanyavyaha?


Abarira Dawidi, at’ Undushije kugororoka, kuk’ ungiriye neza, nanje jeho nakugiriye nabi.


Arababgira, at’ Uhoraho ni we cabona, bo n’uwo yimikishije amavuta, kw ata co mwambonanye. Baravuga, bati Ni we cabona.


Maz’ abaganwa n’abantu bose babarira abaherezi n’abo ba kamenyi, bat’ Uyu muntu ntakwiye gupfa, kukw atubariye mw izina ry’Uhoraho Imana yacu.


Nuko nkigenda, nshitse hafi y’i Damasiko, hāri nko mu mashōka, umuco uhambaye uza giturumbuka uvuye mw ijuru, unkayanganira irya n’ino.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite