Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 23:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Maze mbariwe yuko bahigiye uwo mugabo, nca ndamukurungikira, mbarira abarezi ko bamuregera imbere yawe. Ndakwikebanuye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Numvise ko bagize inama yo kumwica, nca mpitamwo kumubarungikira ubwo nyene, kandi nategetse ko abamwagiriza babazanira ibirego bamurega.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 23:30
11 Referans Kwoze  

Ndabishura, nti S’umugenzo w’Abaroma gutanga umuntu uw’ ari we wese, umuregwa atabanje kuba kumwe n’abāmureze imbonankubone, no kubona uburyo bgo kwiregura ibirego bāmureze.


ni bo bāri bakwiye kuza hano imbere yawe no kundega, iyaba bafise ico bangaya.


aravuga, ati Nzokwumva ivyawe abarezi bawe ni bamara kuza. Agera ko bamurindira mw iboma ya Herode.


Aramwishura, at’ Abayuda bahūje inama yo kukwinginga ngw ejo uz’ umanukane Paulo mw ikombe, nk’ūgomba kubaza ivyiwe ng’ urushirize kubimenya neza.


Ibisigaye bene Data, muganūke; mutungane rwose, mwemere guhanūrwa, muhuze imitima, mubane amahoro. Ni ho Imana Nyen’ urukundo n’amahoro izobana namwe.


Iryo joro rikeye, Abayuda barakorana, barahira bīsiba yuko batazorya ntibanywe batarica Paulo.


mureke kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, n’amaraso, n’ibinizwe, mureke no gusambana; ivyo ni mwavyirinda, muzomera neza. Nuko muganūke.


maze Sauli amenya inama yabo. Bamutegera ku marembo ku murango no mw ijoro kugira ngo bamwice.


Nukw abasoda bābīra Paulo uko babariwe, bahenga mw ijoro bamujana muri Antipatiri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite