Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 23:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Kandi bazane n’amafarasi kugira ngo bayashireko Paulo, bamushikane kwa Feliki icēgēra ca Kayisari akiri muzima.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Mutegurire Pawulo amafarasi kugira ngo ashikirizwe Felisi, umukuru w’intara, ata nkomanzi.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 23:24
14 Referans Kwoze  

Bamazey’ imisi myinshi, Fesito ashira imbere y’umwami ivya Paulo, ati Harih’ umuntu Feliki yasize ar’ imbohe.


Icēgēra ca Kayisari kimaze kumukebura ngw avuge, Paulo aramwishura, ati Ndazi k’umaze imyaka myinshi ur’ umucamanza w’ubu bgoko, ni co gitumye niregura ivyanje ndemye;


ati Jewe Kilawudiyo Lusiya ndakuganūtsa wewe Feliki umwubahwa, icēgēra ca Kayisari.


Abo bashitse i Kayisariya bashīra icēgēra ca Kayisari ca cete, bamushikiriza na Paulo.


aramwēgēra, amupfuka inguma, amusomōza amavuta ya elayo na vino, amushira ku ndogoba yiwe, amujana mu ndāro y’abahita, aramurwaza.


Mu mwaka ugira icumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma, Pontiyo Pilato ar’ icēgēra ciwe i Yudaya, Herode na we ar’ umwami w’i Galilaya, na Filipo mwene se ar’ umwami w’igihugu co muri Ituraya n’i Tirakoniti, na Lusaniya ar’ umwami w’i Abilene,


Baramuboha baramujana, bamushikiriza Pilato, icēgēra ca Kayisari.


kand’ ivyo bize bikorwe ku musi umwe mu bihugu vyose vy’ umwami Ahasuwerusi, ni wo musi w’icumi na gatatu w’ukwezi kw’ icumi na kabiri kwitwa Adari.


Ndaheza mpenga mw ijoro mvyukana n’ abantu bake, kandi sinagize umuntu n’umwe mbgira ivyo Imana yashize mu mutima wanje ngo ndabikorere Yerusalemu; kandi nta mafarasi twajanye atar’ iyo nagenderako.


Yandika icete nka ben’ iki:


Imisi itanu ishize, umuherezi mukuru Ananiya amanukana n’abakuru bamwe n’uwo kubavuganira yitwa Teritulo, barega Paulo ku cēgēra ca Kayisari.


nuko turavyemera uburyo bgose ahantu hose, Feliki umwubahwa, tugukengurukiye cane.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite