Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 23:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 None rero ntuje kubumvira, kukw abantu babo basāga mirongwine bamuryamiye, barahiye bīsivye ko batazorya ntibanywe bataramwica; kandi none bariteguye, barorereye ic’ uribubemerere.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Ntuvyemere kuko muri bo hari abagabo barenga mirongo ine bagomba kumutegera. Kandi basezeranye ko badasubira kurya canke ngo banywe bataramwica. Ubu bamaze kwitegura, barindiriye ko wemera gusa kumurungika.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 23:21
11 Referans Kwoze  

nari mu ngendo kenshi, mw irinde ry’inzūzi, mw irinde ry’abambuzi, mw irinde ry’ubgoko bgacu, mw irinde ry’abanyamahanga, mw irinde ryo mu bisagara, mw irinde ryo mu bugaragwa, mw irinde ryo mu kiyaga, mw irinde ryo mu bīgira bene Data;


Iyaba vyashoboka, noshimye kuvumwa no kuba igicibga kuri Kristo kubga bene wacu, abo tuvukana ku mubiri,


bamusaba kubagirira neza kur’ uyo, ngw amutumeko, aze i Yerusalemu, na bo baze bamuryamire bamutsinde mu nzira.


nkorera Umwami wacu n’umutima wicishije bugufi, kandi ndira, nterwa n’ibingerageza kubg’ inama z’Abayuda.


Ntimuze muherēre ku ruhande rwa benshi bari mu nama y’ibibi, kand’ ūshinga intahe mu manza, ntaz’ aje iyo benshi bari, bigatuma bagoreka urubanza;


bamutega ngo bafate ijambo ryomukorokana.


Uwo mukuru arungika uwo muhungu, amaze kumwihanikiriza, ati Ntugire umuntu ubarira yuk’ ummenyesheje ivyo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite