Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 23:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Uwo mukuru amufata ukuboko, aramwikebanya aramubaza biherereye, at’ Ic’ ufise kumbarira n’iki?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Wa mukuru w’abasoda aca afata ukuboko wa musore, amwinjiza mu nzu, aramubaza ati: “Ugomba kumbarira iki?”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 23:19
12 Referans Kwoze  

Yesu arayibaza, at’ Ugomba ko ngukorera iki? Ino mpumyi iramwishura, iti Ndagomba guhumūka, Mwigisha.


Yesu amufata ukuboko, aramuvyura, arahagarara.


Afata iyo mpumyi ukuboko, ayikūra mu mihana, acira amate mu maso yayo, ayirambikakw ibiganza, arayibaza, ati Har’ ico ubona?


ridahwanye n’isezerano nasezeranye na ba sekuruza, ku musi nabafata ukuboko nkabakūra mu gihugu ca Egiputa; kand’ iryo sezerano nyene bāraryishe, naho nari shebuja, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Nuk’ umwami abgira umwamikazi Esiteri, at’ Abayuda bishe abagabo amajana atanu ku murwa i Shushani, barabarandura, bica na bene Hamani ukw ar’ icumi. Mbega none mu bindi bihugu vyanje bakoze ibingana iki? Har’ ico usaba na none ukagihabga? Har’ ikindi urondera kigakorwa?


Maze kur’ uwo musi ugira kabiri wo kunywa igiturire ca vino, umwami yongera kubaza Esiteri, at’ Ico usaba n’iki ga mwamikazi Esiteri, ukagihabga? Urondera iki? N’iyo coba igisate c’igihugu canje uragihabga.


Nuk’ umwami aramubaza, at’ Uragomba iki ga mwamikazi Esiteri? Urasaba iki? Ndakiguha, n’iyo coba igisate c’igihugu canje.


Nuk’ umwami arambaza, ati Non’ ugomba iki? Nca nsenga Imana Nyen’ ijuru.


Nukw abasoda n’umukuru w’abagabisha babo n’abagendanyi b’Abayuda bafata Yesu, baramuboha,


Baramufata bamujana ahitwa Areyopago, baramubaza, bati Mbeg’ ubona twoshobora kumenya ukwo kwigisha gusha uvuga ukw ari kwo?


Na we aramujana amushīra uwo mukuru w’abagabisha, ati Ya mbohe Paulo yampamagaye aranyinginga, ngo nkuzanire uyu muhungu, afise ic’ akubarira.


Aramwishura, at’ Abayuda bahūje inama yo kukwinginga ngw ejo uz’ umanukane Paulo mw ikombe, nk’ūgomba kubaza ivyiwe ng’ urushirize kubimenya neza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite