Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 23:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Na we aramujana amushīra uwo mukuru w’abagabisha, ati Ya mbohe Paulo yampamagaye aranyinginga, ngo nkuzanire uyu muhungu, afise ic’ akubarira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Na we aca aramujana kuri wa mukuru w’abasoda. Amubwira ati: “Pawulo, umwe ari mw’ibohero, ansavye ngo nzane uwu musore, kuko afise ico agomba kukubwira.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 23:18
11 Referans Kwoze  

Ni co gituma jewe Paulo, imbohe ya Kristo Yesu, mbohewe mwebge abanyamahanga —


mpisemwo kukwinginga kubg’ urukundo, uko ndi kose Paulo umutāma, kandi none nd’imbohe ya Kristo Yesu.


Ni co gitumye mbinginga, jewe imbohe y’Umwami wacu, ngo mugende uko bibereye ihamagarwa mwahamagawe,


Imisi itatu ishize ahamagara abakuru bo mu Bayuda abakoraniriza hamwe; bamaze gukorana, arababarira, ati Bagabo bene Data, naho ntāgize ikibi nakoze ku bgoko bgacu canke ku migenzo ya ba sogokuruza, bāmpaye Abaroma nd’imbohe, bamvanye i Yerusalemu.


Bamaze gushinga ngo tujabuke tuje muri Italiya, Paulo n’izindi mbohe babaha umugabisha w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, wo mu ngabo za Augusito.


Maze nko mu gicugu Paulo na Sila bariko barasenga baririmbira Imana, izindi mbohe zibumva,


Yesu aramubgira, ati Simoni, mfise ico ngomba kukubgira. Aramwishura, ati Mbarira, Mwigisha.


Nukw abasoda n’umukuru w’abagabisha babo n’abagendanyi b’Abayuda bafata Yesu, baramuboha,


Paulo ahamagara umwe mu bagabisha b’abasoda ijana, ati Jana uyu muhungu ku mukuru w’abagabisha b’abasoda; afise ijambo amubarira.


Uwo mukuru amufata ukuboko, aramwikebanya aramubaza biherereye, at’ Ic’ ufise kumbarira n’iki?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite