Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 23:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Nuko rero mwebge n’abanyekombe, ni mubgire umukuru w’abagabisha b’abasoda amubamanukanire, nk’abarondera kurushiriza gutahura ivyiwe neza. Natwe, atarabashikīra, twiteguye kumwica.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 None rero, mwebwe n’Inama Nkuru y’Abayuda, nimusabe umukuru w’abasoda amubarungikire, mumubwire ko mugomba kumenya ivyiwe neza. Natwe turiteguye guca tumwica atarashika ngaha.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 23:15
14 Referans Kwoze  

Ibirenge vyabo vyirukira gukora ikibi, kandi bihutira kuvisha amaraso y’abatācumuye; ivyiyumviro vyabo n’ivyiyumviro vy’ubugāba; kugeseza no guhonnya biri mu nzira zabo.


Kukw ibirenge vyabo vyirukira gukora ikibi, Kandi bihutira kuvisha amaraso.


Ariko bukeye bg’aho, agomvye kumenya neza ic’ Abayuda bamurega ic’ ari co, aramubohora, agera kw abaherezi bakuru bakorana n’abanyekombe bose, amanukana Paulo, amuhagarika imbere yabo.


Kuko badasinzira, shiti bakoze ikibi; Kandi n’itiro ryabo riraguruka, iyo batagize uwo bagwisha.


Kuko bagabiye kukugirira nabi, Bagīye inama badashobora gushitsa.


bamusaba kubagirira neza kur’ uyo, ngw amutumeko, aze i Yerusalemu, na bo baze bamuryamire bamutsinde mu nzira.


Nukw abasoda n’umukuru w’abagabisha babo n’abagendanyi b’Abayuda bafata Yesu, baramuboha,


Paulo ahanga amaso abanyekombe, arababgira, ati Bagabo bene Data, nāmanye umutima utarimw’ ijwi rinyagiriza ikibi na kimwe imbere y’Imana gushitsa kur’ uyu musi.


Maze Paulo amenye yuk’ umuce umwe ar’uw’ Abasadukayo, uwundi ar’uw’ Abafarisayo, ashira ijwi hejuru mu banyekombe, ati Bagabo bene Data, nd’ Umufarisayo, nd’ umwana w’Abafarisayo: ivy’ ivyizigiro vy’ibizoba n’ukuzuka kw’abapfuye ni vyo bimpagaritse mur’ izi manza.


Yonadabu aramubgira, ati Genda wiryamire ku buriri bgawe, wirwaze; maze so ni yaza kurāba uko umeze, umubarire, uti Ndasavye mundungikire mushikanje Tamari, aze ampēreze utwo ntamira; uti Kand’ abironderere imbere yanje aho mbona, uti Maz’ ubgiwe abimpēreje, ni ho nobirya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite