Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 23:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Baja ku baherezi bakuru n’abakuru, bati Twarahiye twisivye bikomeye yukw ata co tuzotamira tutarica Paulo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Nuko baja ku bakuru b’abaherezi n’abatware, bababwira bati: “Twarahiye ko ata co turya tutarica Pawulo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 23:14
10 Referans Kwoze  

Iryo joro rikeye, Abayuda barakorana, barahira bīsiba yuko batazorya ntibanywe batarica Paulo.


Mbega har’ isoni bāgize, bamaze gukora ibizira? Eka nta dusoni na mba, nta n’ukumāramāra. Ni co gituma bazotembana n’abari ku mutembo; igihe nzobazira bazogwaho, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Amaboko yabo yamogoreye gukora ibibi; umuganwa ari n’ivyo yāka, umucamanza aca ingurire, ūhambaye yenyaguza ivyifuzo bibi vyo mu mutima wiwe: uko ni ko babijishira hamwe.


Nuko nk’uko bimeze ku banyagihugu, ni ko bizomera ku baherezi: nzobahana kubg’ ingeso zabo, mbasubirize mu nkōko ivy’ ibikorwa vyabo.


Ishusho yo mu maso habo ni yo ibāgiriza; bērura icaha cabo nk’ab’ i Sodomu, ntibagihisha. Ubugingo bgabo buzobona ibara, kukw ari bo bīhamagariye ivyago.


Mbega har’ isoni bāgize, bamaze gukora ibizira? Eka nta dusoni na mba, nta n’ukumāramāra. Ni co gituma bazotembana n’abari ku mutembo; igihe nzobāzira bazogwaho, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Abāhize bartyo bāsāga mirongwine.


Aramwishura, at’ Abayuda bahūje inama yo kukwinginga ngw ejo uz’ umanukane Paulo mw ikombe, nk’ūgomba kubaza ivyiwe ng’ urushirize kubimenya neza.


None rero ntuje kubumvira, kukw abantu babo basāga mirongwine bamuryamiye, barahiye bīsivye ko batazorya ntibanywe bataramwica; kandi none bariteguye, barorereye ic’ uribubemerere.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite