13 Abāhize bartyo bāsāga mirongwine.
13 Abari muri iyo nama barenga mirongo ine.
Bazobaca mu masinagogi, kand’ igihe kigiye kuza, ūzobīca wese azogira ngw agiriye Imana ikimazi.
Maz’ umuntu abarira Dawidi, ati Ahitofeli ari mu bagarariji bafatanije na Abusalomu. Maze Dawidi arasenga, at’ Uhoraho, ndakwinginze, hindura ubusa inama za Ahitofeli.
Maz’ igihe Abusalomu yarikw aratanga ibimazi, atuma guhamagaza Ahitofeli w’i Gilo, umujanama wa Dawidi; ava mu gisagara c’i wabo i Gilo. Nukw inama y’ubugarariji irakomera, kukw abantu bāgenda bagwirirana kuri Abusalomu.
Iryo joro rikeye, Abayuda barakorana, barahira bīsiba yuko batazorya ntibanywe batarica Paulo.
Baja ku baherezi bakuru n’abakuru, bati Twarahiye twisivye bikomeye yukw ata co tuzotamira tutarica Paulo.