Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 23:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ijoro ry’uwo musi, Umwami Yesu amuhagarara hejuru, ati Hūmura; nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni k’ukwiye kuzonshingira intahe i Roma.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Mw’ijoro, Umwami Yesu araza ahagarara i ruhande ya Pawulo, amubwira ati: “Humura! Nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni ko uzonshingira intahe n’i Roma.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 23:11
27 Referans Kwoze  

Ivyo bishize Paulo agabira mu mutima wiwe guca i Makedoniya no muri Akaya aja i Yerusalemu, ati Ni namara gushikayo, nkwiye kuja kurāba n’i Roma na ho.


Maz’ Umwami Yesu abarira Paulo mw ijoro nko mu nzozi, ati Ntutinye, arik’ uvuge, woye gucereza,


Arik’ Umwami wacu ni we yampagarikiye, arandemesha, kugira ng’ ubutumwa buvugwe nanje butagabanije, abanyamahanga bose babgumve. Nuko mva mu menyo y’intambge.


Uwo mwanya Yesu arababgira, ati Hūmura, ni jewe, ni mureke gutinya.


bituma ingoyi zanje zo kubga Kristo zimenyekana mu basoda bahora bashibama kwa Kayisari bose, no mu bandi bose.


ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd’ Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje.


Bamuzanira ikimuga bagiteruye mu nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abgira ico kimuga, ati Hūmura mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.


Ni waca mu mazi nzoba ndi kumwe nawe, no mu nzūzi ntizizokurengera; ni waca mu muriro ntuzosha, kandi n’urubeya ntiruzokubabura.


Ntutinye, musiba we Yakobo, namwe nkehwa z’ Abisirayeli; nzogutabara, ni k’ Uhoraho agize; kand’ Uwera w’ Abisirayeli ni we mucunguzi wawe.


ndamubona ambgira, ati Tebuka, uve i Yerusalemu vuba, kuko batazokwemera ivy’ unshingira intahe.


None rāba, ngiye i Yerusalemu mboshwe mu mutima, ntazi ibizombako nshitseyo;


Kuko Dawidi yavuze ivy’ uwo, ati Nabonye Uhoraho imbere yanje imisi yose, Kukw ar’ i buryo bganje, ngo sinnyiganyige.


Ivyo mbibabgiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhūmure, jewe naranesheje isi.


Sinzobasiga nk’impfuvyi, nzoza kuri mwebge.


mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.


Mpēra kw itanguriro nkavuga ivy’ iherezo, ngahēra no mu bihe vya kera nkavuga ibitaraba; nkavuga nt’ Imigabo yanje izohama, kand’ ivyo nzogomba vyose nzobishitsa.


Kukw azohagarara i buryo bg’umukene, Ngw amukize abacirakw iteka ubugingo bgiwe.


kuko mfise bene mama batanu; ababgire uko bimeze, ngo na bo ntibaze baze hano hantu ho kubabarizwa.


kuk’ uzomubera icabona ku bantu bose ku vyo wabonye kandi wumvise.


Mbega sind’ uwidegemvya? Sind’ intumwa? Sinabonye Yesu Umwami wacu? Namwe ntimur’ igikorwa canje mu Mwami?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite