Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 23:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Habah’ ibihāri vyinshi, umukuru w’abagabisha b’abasoda atinye ko bogabangana Paulo, abarira ingabo ngo zimanuke zimubashikure, zimujane mw iboma.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Impari ziba nyinshi gushika aho wa mukuru w’abasoda agira ubwoba, yibaza ko bahava batabagura Pawulo. Aca ategeka abasoda ngo bamanuke bamunyakure, bamuhungishirize mw’ikambi.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 23:10
16 Referans Kwoze  

Ariko namba mugira ishari ry’inkazi mu mitima yanyu, mugakunda kwirema ibice, mwoye kwirata, mubesha, mucumura ku kuri.


Ivyo murabizi, bene Data nkunda. Yamar’ umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka:


umukuru w’abagabisha b’abasoda avuga ko bamwinjiza mw iboma, ababarira kumucacisha ibimoko, kugira ngw amenye icatumye bamuvugiriza uruhōgo bartyo.


Bumaze guca basigay’ abagendera ku mafarasi, ngw abe ari bo bajana na we, na bo basubira iyo bavuye kw iboma.


Non’ uyo mugabo Abayuda bāri bamaze kumuta mu maboko bagira bamwice, nanje mmenye kw ar’ Umuroma nzanana n’ingabo ndamubakiza.


Mwishwa wa Paulo yumva uwo mutego, araza ashika mw iboma, abibarira Paulo.


kandi mukarya inyama z’abantu banje, mukababāgak’ urukoba, mukabajanjagura amagufa, mukabatimbagura nk’izo gushira mu nzīhebe, nk’inyama zo gushira mu nkono!


None rero yemwe abibagira Imana, ni mwiyumvire ibi, Noye kubashishimura, hakabura uwobakiza:


Uriya ntanshishimure nk’ intambge, Ngw antabagure ata wo kuntabara.


Bagira bamushikane mw iboma, Paulo abaza uwo mukuru w’abagabisha, ati Wonkundira ijambo nkubarira? Na we aramubaza, at’ Urazi Ikigiriki?


Kandi nshatse kumenya ico bamurega, ndamumanukana mw ikombe ryabo.


nari mu ngendo kenshi, mw irinde ry’inzūzi, mw irinde ry’abambuzi, mw irinde ry’ubgoko bgacu, mw irinde ry’abanyamahanga, mw irinde ryo mu bisagara, mw irinde ryo mu bugaragwa, mw irinde ryo mu kiyaga, mw irinde ryo mu bīgira bene Data;


Arik’ umukuru w’abagabisha b’abasoda Lusiya araza, amudushikura mu maboko,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite