Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 22:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Nikubita hasi numva ijwi rimbaza, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Maze ngwa hasi hanyuma numva ijwi rimbarira riti: ‘Sawuli! Sawuli! Uriko umpamira iki?’

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 22:7
15 Referans Kwoze  

Ni co gitumye nzokomeza kubūrana namwe, kandi nzobūrana n’abuzukuru banyu, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Maz’ azobishura, ati Ndababgire ukuri: Ko mutabigiriye umwe mur’ aba bari hanyuma y’abandi, nanje ntimwabingiriye.


naho nabanje kumurogotako no kumuhīga no kumwambika ibara. Ariko naragiriwe ikigongwe kuko nabikoze ntabizi ntarizera;


uku ni k’Uhoraho agize, ati N’ibigabitanyo ki ba sogokuruza banyu bānsanganye, ko bāngiye kure, bagakurikira ibitagira ikimazi, na bo ubgabo bagahinduka imburakimazi?


Maz’ Uhoraho araza ahagarara ngaho, aramuhamagara nk’ubga mbere, ati Samweli we! Ewe Samweli! Na we ati N’uvuge, kuk’ umusavyi wawe nteze amatwi.


Uhoraho abonye yukw akīkamishwa no kubirāba, Imana imuhamagara iri hagati mur’ ico gisaka, iti Mose, Mose! Aritaba, ati Sabge!


Maz’ umumarayika w’Uhoraho amuhamagara ari mw ijuru, at’ Ewe Aburahamu, Aburahamu! Aritaba, ati Sabge.


Hanyuma y’ivyo, Imana igeza Aburahamu; iramuhamagara, iti Aburahamu! Aritaba, ati Sabge.


Aramubaza, ati Hagari, ncoreke ya Sarayi, uva he ukaja he? Aramwishura, ati Mpunze mabuja Sarayi.


Uhoraho Imana ahamagara uwo muntu, aramubaza, at’ Uri hehe?


Arababaza, ati Ku ki? Yakoze ikibi ki? Ariko barushiriza gusemerera cane, bati N’abambge.


Yikubita hasi, yumva ijwi rimubaza, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki?


Nuko nkigenda, nshitse hafi y’i Damasiko, hāri nko mu mashōka, umuco uhambaye uza giturumbuka uvuye mw ijuru, unkayanganira irya n’ino.


Nanje ndabaza, nt’ Uri nde ga Mwami? Aranyishura, ati Ndi Yesu Umunyanazareti, uwo urik’ urahīga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite