Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 22:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Nuko nkigenda, nshitse hafi y’i Damasiko, hāri nko mu mashōka, umuco uhambaye uza giturumbuka uvuye mw ijuru, unkayanganira irya n’ino.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, ndiko ndegereza i Damasiko, umuco uvuye mw’ijuru undasira impande zose.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 22:6
11 Referans Kwoze  

kandi mu kuboko kwiwe kw’i buryo yar’ afise inyenyeri ndwi, mu kanwa kiwe hāvamw’ inkota ikarishe, mu nyonga hiwe hari hameze nk’izuba iyo ryatse umutari.


Ahinduka ukundi imbere yabo, mu maso hiwe haka nk’izuba, impuzu ziwe zera nk’umuco.


Ni ho ukwezi kuzomāramāra, izuba ritētērwe; kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo azoba ari ku ngoma ku musozi Siyoni ari ho Yerusalemu, agire icubahiro imbere y’abashingantahe biwe.


Araheza akwiragiza amaboma mu gihugu c’i Siriya gikūkira i Damasiko; nukw Abasiriya baba abatwarwa ba Dawidi, bakāma bamuzanira amarari. Nuk’ Uhoraho yahora aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.


Aburamu aramubaza, ati Mwami Uhoraho, uzompa iki, ko ngiye gupfa ata kana nsize, kand’ ūzotorana urugo rwanje akaba ari Eliyezeri Umunyadamasiko?


Aburamu ahenga mw ijoro, abantu biwe abacamw’ ibico, barabatera barabanesha, barabakinagiza gushitsa i Hoba, ahahera i bumoso bg’i Damasiko.


Nikubita hasi numva ijwi rimbaza, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki?


Habah’ urwamo rwinshi; bamwe mu banyabgenge b’ivyanditswe bo mu muce w’Abafarisayo bava hasi barahārīra, bati Nta kibi twabonye kur’ uyu muntu. Kumbure impwemu cank’ umumarayika yoba yavuganye na we.


Maze hanyuma ya bose nanje aranyiyereka ndi nk’umwana w’icenda.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite