Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 22:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kandi n’umuherezi mukuru na we aranshingira intahe y’ivyo, bo n’abanyekombe bose. Ni bo bāmpaye ivyete vyandikiwe bene Data b’i Damasiko, ikinjanyeyo ar’ ukuzana i Yerusalemu abaho na bo bari mu ngoyi, ngo bishure.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ivyo umuherezi mukuru n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda bose bashobora kubishingira intahe. Mbere ni na bo bampaye amakete nshira Abayuda benewacu b’i Damasiko, maze njayo gufata abizera baho ngo ndabazane i Yerusalemu ari imbohe, kugira ngo bahanwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 22:5
21 Referans Kwoze  

Iryo joro rikeye, hakorana abashingantahe b’ubgo bgoko, ni bo baherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, bamujana mw ikombe ryabo, baramubaza,


Bavyumvise, binjira mu rusengero hāri nko mu mutwenzi, barigisha. Maz’ umuherezi mukuru azanana n’abāri kumwe na we, bahamagaza abanyekombe, n’abakuru bose b’Abisirayeli, maze batuma mu nzu y’abanyororo kubazana.


Ntiwanjanjwe ku ngabire iri muri wewe, imwe waheshwa n’ivy’ abavugishwa n’Imana mu kurambikwakw ibiganza vy’abakuru.


Na bo baramwishura, bati Nta vyete twāronse bivuye i Yudaya bivuga ivyawe, kandi bene Data baje nta watubariye inkuru mbi yawe, canke ngw akuvuge nabi.


Ngikora ivyo, nja i Damasiko mpawe ubushobozi ndungitswe n’abaherezi bakuru.


Kand’ ivyo narabikora nyene nd’i Yerusalemu, ngashira abera benshi mu mabohero, mpawe ubushobozi n’abaherezi bakuru, kand’ aho bābica, nanje nishira mu bemera ko bicwa.


Ati Yemwe bagabo bene Data kandi ba data, ni mwumvirize ivyo nireguza muri mwebge.


Bagabo bene Data, bana bo mu muryango wa Aburahamu, namwe abubaha Imana, ijambo ry’ako gakiza ni twebge ryatumweko.


kandi n’ino ahafise ububasha abuhāwe n’abaherezi bakuru, bgo kuboha abambaza izina ryawe bose.


Bukeye bg’aho, abashingantahe babo bo n’abakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bakoranira i Yerusalemu,


Mur’ iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati ya bene Data, (hāri hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongwibiri), aravuga,


Bagabo bene Data, s’ikingora kubabarira mvyeruye ivya sogokuruza mukuru Dawidi, yuko yapfuye, agahambga, n’imva yiwe iri ngaha ino muri twebge na bugingo n’ubu.


Kandi none, bene Data, ndazi yuko mwabikoze mutabizi, n’ababaganza na bo n’uko.


Paulo ahanga amaso abanyekombe, arababgira, ati Bagabo bene Data, nāmanye umutima utarimw’ ijwi rinyagiriza ikibi na kimwe imbere y’Imana gushitsa kur’ uyu musi.


Maze Paulo amenye yuk’ umuce umwe ar’uw’ Abasadukayo, uwundi ar’uw’ Abafarisayo, ashira ijwi hejuru mu banyekombe, ati Bagabo bene Data, nd’ Umufarisayo, nd’ umwana w’Abafarisayo: ivy’ ivyizigiro vy’ibizoba n’ukuzuka kw’abapfuye ni vyo bimpagaritse mur’ izi manza.


No mu masinagogi yose nābahana kenshi, nkagerageza cane kubatukisha Yesu; kandi kuko nasazwa cane mbazira, narabatuza no gushitsa mu bisagara vy’abanyamahanga.


Imisi itatu ishize ahamagara abakuru bo mu Bayuda abakoraniriza hamwe; bamaze gukorana, arababarira, ati Bagabo bene Data, naho ntāgize ikibi nakoze ku bgoko bgacu canke ku migenzo ya ba sogokuruza, bāmpaye Abaroma nd’imbohe, bamvanye i Yerusalemu.


Mwumvise ingeso zanje nari mfise kera, nkiri mw idini y’Abayuda, ingene nahīga ishengero ry’Imana birengereje, nkaritikiza.


ku vy’ ishaka nahama ishengero; ku vy’ ukugororoka kuzanwa n’ivyagezwe nta wobonye ic’ angaya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite