Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 22:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Ariko bukeye bg’aho, agomvye kumenya neza ic’ Abayuda bamurega ic’ ari co, aramubohora, agera kw abaherezi bakuru bakorana n’abanyekombe bose, amanukana Paulo, amuhagarika imbere yabo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Bukeye bwaho, uwo mukuru w’abasoda akoranya abakuru b’abaherezi n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda. Yashaka kumenya neza ico Abayuda bagiriza Pawulo. Nuko aca aramubohora, amuhagarika imbere yabo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 22:30
13 Referans Kwoze  

Kandi nshatse kumenya ico bamurega, ndamumanukana mw ikombe ryabo.


Maz’ uwo mukuru w’abagabisha arabashikīra, aramufata, avuga ko bamufatisha iminyororo ibiri, abaza uw’ ari we, n’ic’ akoze ic’ ari co.


Paulo, ati Ndasaba Imana ari bike ari vyinshi, yukw atoba wewe wenyene, ariko n’abanyumva uyu musi mwese, ko vyobahindura nkanje, ukūye iyi minyororo.


Nuko rero mwebge n’abanyekombe, ni mubgire umukuru w’abagabisha b’abasoda amubamanukanire, nk’abarondera kurushiriza gutahura ivyiwe neza. Natwe, atarabashikīra, twiteguye kumwica.


Kandi n’umuherezi mukuru na we aranshingira intahe y’ivyo, bo n’abanyekombe bose. Ni bo bāmpaye ivyete vyandikiwe bene Data b’i Damasiko, ikinjanyeyo ar’ ukuzana i Yerusalemu abaho na bo bari mu ngoyi, ngo bishure.


Aza aho turi, yābīra umukanda wa Paulo, awibohesha amaguru n’amaboko, aravuga, at’ Uku ni ko Mpwemu Yera agize: Nyen’ uyu mukanda, uku ni kw Abayuda bazomubohera i Yerusalemu, bazomushira mu maboko y’abanyamahanga.


Bavyumvise, binjira mu rusengero hāri nko mu mutwenzi, barigisha. Maz’ umuherezi mukuru azanana n’abāri kumwe na we, bahamagaza abanyekombe, n’abakuru bose b’Abisirayeli, maze batuma mu nzu y’abanyororo kubazana.


Baramuboha baramujana, bamushikiriza Pilato, icēgēra ca Kayisari.


Mwirinde abantu. Bazobashengerana mu manza, babatonagurire mu masinagogi yabo.


Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese azorakira mugenzi we azoba ashikiwe no gutsindwa n’urubanza; ūzotuka mugenzi we, ngo Wa kijuju we! azoba ashikiwe no gucirwakw iteka; ūzomutuka, ati Wa gipfu we! azoba ashikiwe no gutabga mu muriro wa Gehinomu.


Paulo ahanga amaso abanyekombe, arababgira, ati Bagabo bene Data, nāmanye umutima utarimw’ ijwi rinyagiriza ikibi na kimwe imbere y’Imana gushitsa kur’ uyu musi.


Maze Paulo amenye yuk’ umuce umwe ar’uw’ Abasadukayo, uwundi ar’uw’ Abafarisayo, ashira ijwi hejuru mu banyekombe, ati Bagabo bene Data, nd’ Umufarisayo, nd’ umwana w’Abafarisayo: ivy’ ivyizigiro vy’ibizoba n’ukuzuka kw’abapfuye ni vyo bimpagaritse mur’ izi manza.


Aramwishura, at’ Abayuda bahūje inama yo kukwinginga ngw ejo uz’ umanukane Paulo mw ikombe, nk’ūgomba kubaza ivyiwe ng’ urushirize kubimenya neza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite