Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 22:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Bamaze kumubohesha imigozi, Paulo abaza umugabisha w’abasoda ijana ahagaze aho, ati Mbega biremerwa ko mukubita umuntu w’Umuroma, kand’ ata rubanza rwamutsinze?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Bamaze kumuboha ngo bamukubite, Pawulo aca abaza umukuru w’abasoda ijana yari ahagaze aho ati: “Mbega biremewe n’amategeko gukubita Umuroma, ata rubanza rwamutsinze?”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 22:25
13 Referans Kwoze  

Ariko Paulo arabishura, ati Ko bādukubitiye imbere y’ishengero, ata kidutsinze, kandi tur’ Abaroma, bakadushira mw ibohero: none bagomba kuduhinda mu mpisho? Ekaye, ni babe ari bo biyizira ubgabo badusohore.


Ndabishura, nti S’umugenzo w’Abaroma gutanga umuntu uw’ ari we wese, umuregwa atabanje kuba kumwe n’abāmureze imbonankubone, no kubona uburyo bgo kwiregura ibirego bāmureze.


Ariko wa mugabisha w’abasoda, agomvye gukiza Paulo, ababuza iyo nama yabo, avuga yukw abazi kwoga bokwisuka mu mazi, kugira ngo babanze gushika ku nkombe:


Paulo ahamagara umwe mu bagabisha b’abasoda ijana, ati Jana uyu muhungu ku mukuru w’abagabisha b’abasoda; afise ijambo amubarira.


Bukeye bg’aho dufata i Sidoni, Yuliyo agirira Paulo neza, amukundira kugendera abagenzi ngo bamuzimane.


Bamaze gushinga ngo tujabuke tuje muri Italiya, Paulo n’izindi mbohe babaha umugabisha w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, wo mu ngabo za Augusito.


I Kayisariya hār’ umuntu yitwa Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana wo mu ngabo zitwa Abanyetaliya.


Umugabisha w’abasoda ijana n’abāri kumwe na we barinda Yesu, babonye isi itigita n’ibibaye, baratinya cane, bati N’ivy’ ukuri, uyo yar’ Umwana w’Imana.


Umugabisha aramwishura, ati Mugenzi, ntibimbereye ko winjira mu nzu yanje; vuga ijambo gusa, uwo muhungu arakira.


Mwirinde abantu. Bazobashengerana mu manza, babatonagurire mu masinagogi yabo.


Uwo mugabisha avyumvise, aja ku mukuru w’abagabisha, arabimumenyesha, at’ Ugira ukore iki? Erega wa muntu n’Umuroma.


Non’ uyo mugabo Abayuda bāri bamaze kumuta mu maboko bagira bamwice, nanje mmenye kw ar’ Umuroma nzanana n’ingabo ndamubakiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite