Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 22:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 umukuru w’abagabisha b’abasoda avuga ko bamwinjiza mw iboma, ababarira kumucacisha ibimoko, kugira ngw amenye icatumye bamuvugiriza uruhōgo bartyo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 wa mukuru w’abasoda aca ategeka ko Pawulo ajanwa mw’ikambi, bakamusambisha bamukubita kugira ngo bamenye igituma abantu bose bahagurukiye rimwe kumwiyamiriza.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 22:24
11 Referans Kwoze  

Habah’ ibihāri vyinshi, umukuru w’abagabisha b’abasoda atinye ko bogabangana Paulo, abarira ingabo ngo zimanuke zimubashikure, zimujane mw iboma.


Abo mw ishengero barayogora, bamwe ukwabo abandi ukwabo: abujijwe n’uruyogoyogo kumenya ukuri, avuga ko bamujana mw iboma.


Maze Pilato afata Yesu, aramukubitisha.


Abagore bāgaruriwe abo bābuze bazutse, abandi bicishwa amahiri ntibemera gucungurwa, kugira ngo baze bahabge ukuzuka kurushiriza kuba kwiza.


Non’ uyo mugabo Abayuda bāri bamaze kumuta mu maboko bagira bamwice, nanje mmenye kw ar’ Umuroma nzanana n’ingabo ndamubakiza.


Ariko Paulo arabishura, ati Ko bādukubitiye imbere y’ishengero, ata kidutsinze, kandi tur’ Abaroma, bakadushira mw ibohero: none bagomba kuduhinda mu mpisho? Ekaye, ni babe ari bo biyizira ubgabo badusohore.


Bagira bamushikane mw iboma, Paulo abaza uwo mukuru w’abagabisha, ati Wonkundira ijambo nkubarira? Na we aramubaza, at’ Urazi Ikigiriki?


Na bo bamaze kuncunaguza, bashaka kundekura, kukw ata nyanduruko yambonetseko yo kunyicisha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite