Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 22:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Non’ ikigutevya n’iki? Va hasi, ubatizwe, wiyuhagire ivyaha vyawe, wambaze izina ryiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 None ni igiki kigutebeje? Va hasi ubatizwe, wambaze izina ryiwe, ubone kwozwa ivyaha vyawe.’

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 22:16
19 Referans Kwoze  

Petero arabishura, ati Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabga ingabire, ari yo Mpwemu Yera.


Kand’ umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.


twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.


iradukiza, itadukirishije ibikorwa vyo kugororoka twakoze, ariko, nk’ukw imbabazi zayo ziri, idukirisha ukwozwa kuzana ukuvyarwa ubga kabiri, ikadukirisha uguhindurwa basha na Mpwemu Yera,


Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw izina ry’Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w’Imana yacu.


Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bg’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukūrah’ imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utāgiriza ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo,


kuko mwese ababatirijwe kuba aba Kristo mwanbaye Kristo.


Kuko muri Mpwemu umwe, twese ari ho twabatijwe ngo tube umubiri umwe, naho boba Abayuda cank’ Abagiriki, naho boba abagurano cank’ abidegemvya. Kandi twese twanyweshejwe Mpwemu umwe.


Nkanyaruka, sintebe Kwitondera amabgirizwa yawe.


kandi n’ino ahafise ububasha abuhāwe n’abaherezi bakuru, bgo kuboha abambaza izina ryawe bose.


turabandikiye mwebge abo mw ishengero ry’Imana ry’i Korinto, bejejwe muri Kristo Yesu, bāhamagariwe kuba abera, hamwe na bose bambariza ahantu hose izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ni we Mwami wabo n’uwacu.


Uwo mwanya ibisa n’ibikaragashi bimuva ku maso, arahumūka, ava hasi, arabatizwa:


Mbega none n’iki kikitwicaritse? Enda ni mwegerane, tuje mu bisagara vyubakiwe inzitiro, twumireyo; kuk’ Uhoraho Imana yacu atwumije, aduhaye amazi y’ubumara ngo tuyanywe, kuko twacumuye k’Uhoraho.


Unyuhagire rwose ukugabitanya kwanje, Unyoze icaha canje.


Petero aramubgira, ati Nta ho uzokwigera unyoza ibirenge gushitsa ibihe vyose. Yesu aramwishura, ati Ni ntakwoza, nta ho tuzoba duhūriye.


Maze bakiriko baratera Stefano amabuye, arambaza, aravuga, ati Mwami Yesu, akīra ubugingo bganje.


ngw aryeze, aryogesheje amazi n’ijambo,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite