Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 22:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 kuk’ uzomubera icabona ku bantu bose ku vyo wabonye kandi wumvise.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Uzomubera icabona co gushingira intahe ivyo wabonye n’ivyo wumvise imbere y’abantu bose.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 22:15
11 Referans Kwoze  

Ijoro ry’uwo musi, Umwami Yesu amuhagarara hejuru, ati Hūmura; nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni k’ukwiye kuzonshingira intahe i Roma.


kuko tweho tudashobora kureka kuvuga ivyo twabonye n’ivyo twumvise.


kandi namwe nyene muranshingira intahe, kuko mwari kumwe nanje uhereye mbere na mbere.


arambgira, ati Nta co utinya, Paulo; ukwiye guhagarara imbere ya Kayisari, kand’ ehe Imana ikwemereye n’abo mugendanye bose.


ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.


Ariko nabanje kubgira ab’i Damasiko hanyuma ab’i Yerusalemu, n’abo mu gihugu cose c’i Yudaya, n’abanyamahanga na bo, yuko bakwiye kwihana, no guhindukirira Imana, bakore ibikorwa bikwiranye n’ukwihana.


Aravuga, at’ Imana ya ba sogokuruza yagutoranirije kumenya ivy’ igomba, no kubona wa Mugororotsi, no kwumva ijwi riva mu kanwa kiwe:


utanguriye ku kubatiza kwa Yohana ukageza ku musi yadukūriwemwo, adūganywe, umwe muri bo akwiye kuba icabona hamwe natwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite