Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 22:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Umugabo yitwa Ananiya, yubaha Imana mu kwumvira ivyagezwe, yashimwa n’Abayuda bose babayo,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Muri ico gisagara hariho umuntu yitwa Ananiya. Yari umuntu yubaha Imana, akitondera ivyagezwe, kandi Abayuda bose baho bamushingira intahe nziza.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 22:12
10 Referans Kwoze  

Baramwishura, bati Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana, umuntu agororoka yubaha Imana, ashimwa n’ubgoko bgose bg’Abayuda, yabariwe n’umumarayika yera kugutumako, ng’ uze i we, yumve amajambo yawe.


Nuko, bene Data, ni murābe muri mwebge abantu ndwi bashimwa, buzuye Mpwemu Yera n’ubgenge, tubashire kur’ iki gikorwa.


Demetiriyo ashingirwa intahe na bose, kandi n’ukuri ubgakwo kurayimushingira: natwe nyene turayimushingira; nawe urazi kw ivyo dushingira intahe ar’ ivy’ ukuri.


Icatumye aba kera bashingirwa intahe n’uko bari bagufise.


Kand’ akwiye gushingirwa intahe neza n’abo hanze, kugira ngo ntatembere mu mugayo no mu mutego wa wa Murwanizi.


mu cubahiro no mu gakēngērwe, mu mugayo no mw ishimwe; twiyumvirwa nk’abanyabinyoma, ariko tur’ abanyakuri;


Bamwe muri bo birabemeza, bīfatanya na Paulo na Sila, n’ishengero ryinshi ryo mu Bagiriki bubaha Imana n’uko, no mu bagore b’icubahiro batari bake.


Abantu bubaha Imana bahamba Stefano, baramuborogera cane.


Kandi muri Yerusalemu hār’ umuntu yitwa Simeyoni; uyo yar’ umuntu agororotse kandi yubaha Imana, yar’ arorereye uguhumurizwa kw’Abisirayeli, Mpwemu Yera yari kuri we.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite