Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Uwo yar’ afise abakobga bane b’inkumi, bāvugishwa n’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Yari afise abakobwa bane batararongogwa, bafise ingabire yo kuvugishwa n’Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:9
13 Referans Kwoze  

ati Bizoba mu misi y’iherezo, ni kw Imana yagize, Nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose: Kand’ abahungu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, N’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe, N’abatāma banyu bazorota inzozi.


Ariko mfise ico nkugayako, yuk’ ukundira urya mugore Yezebeli, yiyita ūvugishwa n’Imana, akigisha akazimiza abagurano banje, kugira ngo bashakane barye ivyaterekerejwe ibigirwamana.


Kandi hāriho Ana, uwavugishwa n’Imana, umukobga wa Fanuweli, wo mu muryango wa Asheri, yar’ umutāmakazi wa kera, yabanye n’umugabo wiwe imyaka ndwi, uhereye ku kurongorwa kwiwe,


Hanyuma y’ivyo nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose; abahungu banyu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, n’abatāma banyu bazorota inzozi, n’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe.


Kandi Miriyamu yavugishwa n’Imana, mushiki wa Aroni, ahitana agashāko k’ingoma; abagore bose barasohoka, baramukurikira bari n’udushāko tw’ingoma, bagenda baravyina;


Kandi muri Antiyokiya, mw ishengero ryaho, hār’ abavugishwa n’Imana n’abigisha; umwe ni Barunaba na Simeyoni ari we Nigeru, na Lukiyosi Umunyakurene, na Manayeni yarerewe hamwe n’umwami Herode, hāriho na Sauli.


Ndaheza ndasenga, nt’ Ewe Mana yanje, uze wibuke Tobiya na Sanibalati kubg’ ivyo bakoze, hamwe na Nowadiya wa mumenyikazi, n’abandi ba kamenyi bashatse kuntera ubgoba.


Nuko Hilukiya umuherezi na Ahikamu na Akibori na Shafani na Asaya baragenda, baja k’ūvugishwa n’Imana Hulida muka Shalumu, Shalumu mwene Tikuva umwuzukuru wa Haluhasi, yajejwe ububīko bg’imyambaro, baramusiguza. Kand’ uwo mugore yaba i Yerusalemu mu gice caho ca kabiri.


Ico gihe Debora, uwavugishwa n’Imana, muka Lapidoti, ni we yar’ umucamanza w’Abisirayeli.


Nuk’ ūtanga umukobga wiwe ngw arongorwe aba agize neza; kand’ ūtamutanga aba arushirije kugira neza.


Nuko nawe, mwana w’umuntu, tungīra ijisho abakobga b’ ubgoko bganyu, bavuga ibiva mu mitima yabo ubgabo; ubabūrire,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite