Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Bukeye bg’aho tuvayo, dushika i Kayisariya, twinjira mu nzu ya Filipo umuvuzi w’ubutumwa bgiza, n’umwe muri ba bandi ndwi, twaka indāro i we.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Bukeye turabandanya dushika i Kayisariya, dushikira kwa Filipo umuvugabutumwa, umwe muri bamwe ndwi batoranywa i Yerusalemu ngo bakore igikorwa co kugaburira imfungurwa abapfakazi.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:8
18 Referans Kwoze  

Ayo majambo ishengero ryose rirayashima, batoranya Stefano, umuntu yuzuye ukwizera na Mpwemu Yera, na Filipo, na Purokoro, na Nikanori, na Timoni, na Parumena, na Nikolayo, Umunyantiyokiya yatoye idini y’Abayuda,


Kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bgiza, abandi kuba abungere n’abigisha:


Ariko weho, wirinde muri vyose, wihanganire imibabaro, ukore igikorwa c’umuvuzi w’ubutumwa bgiza, ushitse igikorwa c’ibango ryawe.


Tumaze gushika Roma, umugabisha w’abasoda ijana ashikiriza imbohe umugabisha w’abasoda bahora bashibama kwa Kayisari: ariko bakundira Paulo kuba ukwiwe, ari kumwe n’umusoda amurinda.


Ku musi w’isabato turenga irembo ry’igisagara, tuja ku ruzi, dukēka ko hobay’ ahahora hasengerwa. Turicara, tuyāga n’abagore bahakoraniye.


Amaze kurota izo nzozi, duca turondera ingene tuja i Makedoniya, kuko tumenye yukw Imana iduhamagariye kubabgira ubutumwa bgiza.


Ariko bene Data babimenye, bamumanukana i Kayisariya, bamurungika i Taruso.


Tuhamaze amezi atatu, tuvudukayo mu bgato bgari bgavuye muri Alekisanderiya, bgari bumaze iyo misi y’urushana ku kizinga, ikimenyetso cabgo car’ Imana z’Amahasa.


Bamaze gushinga ngo tujabuke tuje muri Italiya, Paulo n’izindi mbohe babaha umugabisha w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, wo mu ngabo za Augusito.


Ahamagara babiri bo mu bagabisha b’abasoda ijana, arababarira, ati Ni mwitegure abasoda amajana abiri bo kuja i Kayisariya, n’abagendera ku mafarasi mirongwirindwi, n’ab’ amacumu amajana abiri, bahenge mw ijoro isaha zitatu bagende.


Ariko tweho tumwitangira imbere dutambukira mu bgato, turajabuka dufata muri Aso, aho twari tugabiye guhitana Paulo: kuko yari yabishinze artyo, kugira ngo we ace i musozi.


Natwe tuvuduka i Filipi turi mu bgato hanyuma y’imisi y’imitsima itambiwe, tubasanga i Tirowa ku musi ugira gatanu, tumaray’ imisi ndwi.


Afashe i Kayisariya, aradūga aja i Yerusalemu, aramutsa ishengero, aramanuka, aja muri Antiyokiya.


Bukeye tugiye aho basengera, duhūra n’umwigeme arimwo dayimoni aragura, yar’ atungishije ba shebuja cane kubg’ iyo ndagu.


I Kayisariya hār’ umuntu yitwa Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana wo mu ngabo zitwa Abanyetaliya.


Bamwe mu bigishwa bavuye i Kayisariya turajana, bazana Umunyakupuro yitwa Munasona, yar’ umwigishwa wa kera, tuba ari we dusemberako.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite