Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Natwe turangije urugendo rwo kuva muri Tiro, dufata i Putolemayi, turamutsa bene Data, tumarana na bo umusi umwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nuko tubandanya urugendo kuva i Tiro, dushika i Putolemiya, aho twamaze umusi umwe turamutsa bene Data.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:7
13 Referans Kwoze  

Muntahirize ababaganza bose, bo n’abera bose. Abo muri Italiya barabatasha.


Dufata i Surakusa, tuhamara imisi itatu.


Hashize imisi, umwami Agiripa na Berenike bashika i Kayisariya, baja kuramutsa Fesito.


Amaze kubaramutsa, ababarira ivy’ Imana yakoze mu banyamahanga imukoresheje, abidonze kimwe‐kimwe.


Tugitevyey’ imisi myinshi, haza ūvugishwa n’Imana yitwa Agabo, yar’ amanutse avuye i Yudaya.


Afashe i Kayisariya, aradūga aja i Yerusalemu, aramutsa ishengero, aramanuka, aja muri Antiyokiya.


Maz’ ashāmira abo muri Tiro n’i Sidoni, na bo bahūza inama, baja kuri we, bahongera Bulasito, umukuru w’abagaranzurira umwami, basaba impore, kukw igihugu cabo casuma mu gihugu c’uwo mwami.


Ni mwaramukanya n’incuti zanyu gusa, abandi muzoba mubarusha iki? Abanyamahanga bo si ko bagira?


Agiheza kucosa, Samweli arashika; maze Sauli arasohoka aja kumusanganira ngw amuramutse.


Barakuramutsa, baguhe n’amarobe abiri, nawe uyākīre.


Mur’ iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati ya bene Data, (hāri hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongwibiri), aravuga,


Tubonye i Kupuro tuhasiga i bumoso, tuja i Siriya, dufata muri Tiro: kukw ari ho bari bagabiye gukūrira ibintu mu bgato.


Dushitse i Yerusalemu bene Data batwākīrana umunezero.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite