Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Turangije iyo misi, tuvayo turagenda, bose baduherekezanya n’abagore n’abana, baturenza igisagara, dupfukama ku musenyi, turasenga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ariko iyo ndwi iheze, duca turabandanya urugendo. Bene Data bose, bari kumwe n’abagore n’abana, baraduherekeza kuva mu gisagara gushika ku nkengera y’ikiyaga. Tuhashitse, turapfukama turasenga.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:5
15 Referans Kwoze  

Amaze kuvuga artyo, arapfukama, asengera hamwe na bo bose.


Petero arabataramura bose, arapfukama, arasenga; maz’ ahindukirira umuvyimba, ati Tabita, vyuka. Arakanura; maz’ abonye Petero, aravyuka, aricara.


cane‐cane bababajwe n’ijambo yababgiye ngo ntibazosubira kumubona mu maso. Maze baramuherekeza, bamugeza ku bgato.


Nukw abo, ishengero rimaze kubaherekeza, baca i Foyinike bo n’i Samariya, babamenyesha ingen’ abanyamahanga bāhindukiriye Imana, batera bene Data bose akanyamuneza kenshi.


Ni muze tumusenge twunamye, Dupfukamire Uhoraho Umuremyi wacu,


Nuko bene Data baca banyuruza Paulo na Sila mw ijoro baja i Beroya; maze bashitseyo binjira mw isinagogi y’Abayuda.


Haza umunyamibembe kuri we, amwinginga amupfukamiye, at’ Ukunze, woshobora kumpumanura.


Kand’ abāriye bār’ abagabo nk’ibihumbi bitanu, ukūyemw’ abagore n’abana.


Nukw Abayuda bose bahagarara ngaho imbere y’Uhoraho, bari kumwe n’utwana twabo duto‐duto, n’abagore babo, n’abana babo bakuze.


Nuko Salomo arangije gusengesha ayo majambo yose no kwinginga Uhoraho, arahaguruka ava imbere y’igicaniro c’Uhoraho, aho yamye apfukamye agaranzuye amaboko ayatumbereje mw ijuru.


Uwo musi batanga ibimazi vyinshi, baranezerwa kukw Imana yar’ ibateye umunezero mwinshi; kandi n’abagore n’ abana baranezerwa, bituma umunezero ur’i Yerusalemu wumvikana kure.


Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank’ imana z’Abamori ben’ iki gihugu murimwo; ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho.


Atandukana na bo, ashika nk’ahoterwa ibuye, arapfukama, arasenga,


Nta jambo na rimwe mu yo Mose yageze yose, Yosuwa atāsomeye imbere y’ikoraniro ry’Abisirayeli ryose, hamwe n’abagore n’abana n’abanyamahanga bāgendana na bo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite