Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:40 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Amukundiye, Paulo ahagarara ku ngazi y’amabuye, amama abantu: hamaze kuba agacerere rwose, ababarira mu Giheburayo,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

40 Wa mukuru w’abasoda yemerera Pawulo, na we ahagarara ku ngazi, arabamama ngo batekane. Habaye agacerere, aca avugana na bo mu rurimi rwabo rw’Igiheburayo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:40
16 Referans Kwoze  

Arabamama, abīgānira uk’Umwami Imana yamukūye mw ibohero, arababgira, at’ Ivyo mubibarire Yakobo na bene Data bandi. Arahava, aja ahandi.


Twese twikubise hasi, numva ijwi rimbgira mu rurimi rw’Igiheburayo, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki? Erega birakugoye gutera imigere ku mihunda.


Bumvise ababariye mu Giheburayo, barushiriza gucereza. Aravuga,


Kand’ i Yerusalemu hafi y’irembo ry’intama, hār’ ikidengeri, mu Giheburayo citwa Betesida, carikw amabaraza atanu.


Ashitse ku ngazi y’amabuye abasoda baramuterura kubg’ ubusugurirwe bg’abantu,


Maze basokorora Alekisandero mu bantu, Abayuda bamwīgiza imbere. Maze Alekisandero arabamama, agira yiregure ku bantu.


Zibakoraniriza ahantu hitwa Haru‐Magedoni mu Giheburayo.


Zifise umwami wazo, ni we mumarayika w’i kuzimu, mu Giheburayo yitwa Abadoni, mu Kigiriki yitwa Apoluwoni.


Paulo ava hasi, arabamama, arababarira, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, namwe abubaha Imana, ni mwumve.


Kandi mur’ iyo misi, abigishwa bāriko baragwira, Abayuda bavuye i Bugiriki bidodombera Abaheburayo b’inyamo, kukw abapfakazi babo bīrengagizwa ku ngaburo y’imisi yose.


Benshi mu Bayuda bāsoma ico candiko, kukw aho hantu Yesu yabambge hari hafi y’igisagara; kandi cari canditswe mu Giheburayo no mu Kiroma no mu Kigiriki.


Avayo, yiyikorereye umusaraba, ashika ahantu hitwa Nyagihanga, mu Giheburayo hitwa Gologota;


Nuko Pilato yumvise ayo magambo, asohora Yesu, yicara ku ntebe y’imanza, yar’ ahantu hitwa Musezero w’amabuye, mu Giheburayo hitwa Gabata.


Hejuru yiwe kandi hār’ icandiko canditswe, ng’ UYU N’UMWAMI W’ABAYUDA.


Baca babaduka n’ingoga, umuntu wese yikiza umutamana wiwe, bayishira musi y’ibirenge vyiwe, ah’ ahagaze hejuru ku ngazi y’amabuye; bavuza inzamba, bati Yehu ni we mwami!


Bimenyekana mu baba i Yerusalemu bose, ni co catumye ubgo bgatsi mu rurimi rwabo babgita Akeludama, risobanurwa ng’ Ubgatsi bg’amaraso.)


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite