Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:39 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Paulo aramwishura, ati Nd’ Umuyuda, umuntu w’i Taruso, igisagara c’i Kilikiya kitayoberanye: none ndakwinginze unkundire ico mbarira abantu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Pawulo arishura ati: “Ndi Umuyuda w’i Taruso muri Kilikiya, umunyagisagara kidasanzwe. Ndakwinginze unyemerere ngire ico mbwira aba bantu.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:39
13 Referans Kwoze  

ati Nd’ Umuyuda, navukiye i Taruso h’i Kilikiya, ariko nakuriye mur’ iki gisagara, nigishirizwa imbere y’ibirenge vya Gamaliyeli nk’uk’ uruhande rugoye rw’ivyagezwe vya ba sogokuruza ruri, ngira ishaka ry’Imana, nk’uko namwe mwese murifise uyu musi.


Umwami aramubarira, ati Va hasi, uje mu nzira yitwa Igororotse, ubarizeyo mu rugo kwa Yuda umuntu yitwa Sauli w’i Taruso, kukw arikw arasenga.


Ariko hava hasi abantu bamwe bo mw isinagogi y’Abaliberutino, n’iy’ Abanyakurene n’iy’ Abanyalekisanderiya, n’iy’ Abanyakilikiya, n’iy’ Abanyasiya, baja impāri na Stefano,


ariko mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya,


Amaze kugisoma abaza intāra y’i wabo iy’ ari yo; amenye kw ar’uw’ i Kilikiya,


Non’ uyo mugabo Abayuda bāri bamaze kumuta mu maboko bagira bamwice, nanje mmenye kw ar’ Umuroma nzanana n’ingabo ndamubakiza.


Bagira bamushikane mw iboma, Paulo abaza uwo mukuru w’abagabisha, ati Wonkundira ijambo nkubarira? Na we aramubaza, at’ Urazi Ikigiriki?


Ariko Paulo arabishura, ati Ko bādukubitiye imbere y’ishengero, ata kidutsinze, kandi tur’ Abaroma, bakadushira mw ibohero: none bagomba kuduhinda mu mpisho? Ekaye, ni babe ari bo biyizira ubgabo badusohore.


Aca i Siriya n’i Kilikiya, aremesha amashengero.


bandika icete, barakibarungikana, canditswe girtya, ngw Intumwa na bene Data bakuru turabatasha mwebge bene Data bo mu banyamahanga bari muri Antiyokiya n’i Siriya n’i Kilikiya.


Ariko bene Data babimenye, bamumanukana i Kayisariya, bamurungika i Taruso.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite