Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Abo mw ishengero barayogora, bamwe ukwabo abandi ukwabo: abujijwe n’uruyogoyogo kumenya ukuri, avuga ko bamujana mw iboma.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Bamwe mw’isinzi ryari aho bagasemerera bavuga bimwe, abandi bakavuga ibindi. Kubera ko uwo mukuru w’abasoda atashobora kumenya ukuri bitumwe n’urwamo rw’abantu, ategeka ko Pawulo ajanwa mw’ikambi.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:34
8 Referans Kwoze  

Habah’ ibihāri vyinshi, umukuru w’abagabisha b’abasoda atinye ko bogabangana Paulo, abarira ingabo ngo zimanuke zimubashikure, zimujane mw iboma.


Nuko barayogora, bamwe ukwabo abandi ukwabo, kukw iryo shengero ryavurunganye, abenshi batāri bazi icatumye bakorana.


Mwishwa wa Paulo yumva uwo mutego, araza ashika mw iboma, abibarira Paulo.


umukuru w’abagabisha b’abasoda avuga ko bamwinjiza mw iboma, ababarira kumucacisha ibimoko, kugira ngw amenye icatumye bamuvugiriza uruhōgo bartyo.


Bagira bamushikane mw iboma, Paulo abaza uwo mukuru w’abagabisha, ati Wonkundira ijambo nkubarira? Na we aramubaza, at’ Urazi Ikigiriki?


Ariko bukeye bg’aho, agomvye kumenya neza ic’ Abayuda bamurega ic’ ari co, aramubohora, agera kw abaherezi bakuru bakorana n’abanyekombe bose, amanukana Paulo, amuhagarika imbere yabo.


None mbuze ijambo rimenyekanisha ivyiwe ryo kwandikira umwami wanje, ni co gitumye ndamuzana imbere yanyu, kandi cane‐cane imbere yawe, mwami Agiripa, kugira ngo ni twamara kumusiguza, mbone ico kwandika.


Bumaze guca basigay’ abagendera ku mafarasi, ngw abe ari bo bajana na we, na bo basubira iyo bavuye kw iboma.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite