Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Nuko Paulo ajana abo bagabo, bukeye bg’aho yihumanurana na bo, yinjirana na bo mu rusengero, avuga igihe imisi yo guhumanurwa izoshirira, agenza artyo gushitsa ah’ ikimazi c’umuntu wese muri bo catangiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Bukeye Pawulo aca ajana na ba bantu, yihumanurira hamwe na bo, hanyuma aja mu rusengero kumenyesha umusi umugenzo wo kwihumanura uzorangirirako, maze ibimazi bigatangwa ku bw’umwe umwe muri bo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:26
6 Referans Kwoze  

Nkiri muri vyo bansanga mu rusengero nihumanuye, ata bantu nkoranije, ata n’uruhōgo ruriho. Ariko hār’ Abayuda bamwe bavuye muri Asiya,


Ku Bayuda nabaye nk’Umuyuda, kugira ngo ndonke Abayuda: ku baganzwa n’ivyagezwe nabaye nk’ūganzwa na vyo, nah’ ubganje ntaganzwa na vyo, kugira ngo ndonke abaganzwa n’ivyagezwe.


Ubajane, wihumanurane na bo, ubatērēre, ngo babone kwimosha. Maze bose bazomenya yukw ivyo bāguteranije kuri bo ata kuri kurimwo, kandi ko nawe ubgawe ugenda witonze, witondera n’ivyagezwe.


Ūzokora ku kiziga c’umuntu uw’ ari we wese azoba ahumanye kumara imisi ndwi:


Maze Pasika y’Abayuda yarikw irashika, benshi bava mu misozi, badūga i Yerusalemu, Pasika itarashika, ngo bihumanure.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite