Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Ubajane, wihumanurane na bo, ubatērēre, ngo babone kwimosha. Maze bose bazomenya yukw ivyo bāguteranije kuri bo ata kuri kurimwo, kandi ko nawe ubgawe ugenda witonze, witondera n’ivyagezwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Jana na bo, ugirane na bo umugenzo w’ukwihumanura, kandi ubarihire n’amahera kugira ngo bimoshe. Gutyo abantu bose bazobona ko ivyo bakwumviseko atari vyo, ariko ko na we ubayeho witondera ivyagezwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:24
20 Referans Kwoze  

Nuko Paulo ajana abo bagabo, bukeye bg’aho yihumanurana na bo, yinjirana na bo mu rusengero, avuga igihe imisi yo guhumanurwa izoshirira, agenza artyo gushitsa ah’ ikimazi c’umuntu wese muri bo catangiwe.


Nkiri muri vyo bansanga mu rusengero nihumanuye, ata bantu nkoranije, ata n’uruhōgo ruriho. Ariko hār’ Abayuda bamwe bavuye muri Asiya,


Paulo amaray’ iyindi misi myinshi hanyuma y’ivyo, maz’ asezera bene Data, avudukayo ari mu bgato ngw aje i Siriya, Purisikila na Akwila bajana na we, amaze kwikemuriza i Kenkireya: kuko yari mw isezerano.


Ku Bayuda nabaye nk’Umuyuda, kugira ngo ndonke Abayuda: ku baganzwa n’ivyagezwe nabaye nk’ūganzwa na vyo, nah’ ubganje ntaganzwa na vyo, kugira ngo ndonke abaganzwa n’ivyagezwe.


Nuko Mose aramanuka, ava kur’ uwo musozi, aja iy’ abantu bari, arababgira bariyeza, bamesura impuzu zabo.


Kukw abāvuye kwa Yakobo batarashikayo yasangira n’abanyamahanga; ariko bashitseyo, ariyonjorora, arabanēna, kukw atinye abo mu bākebge.


Maze Pasika y’Abayuda yarikw irashika, benshi bava mu misozi, badūga i Yerusalemu, Pasika itarashika, ngo bihumanure.


Havyuka ibihāri ku bigishwa ba Yohana n’Umuyuda ku vyo kwihumanura.


Iyo yiburutse abahizi bahinda agashitsi, Ubgoba bukabasarisha.


Nuk’ ukw imisi y’amazimano yabo yahera, Yobu yabatumako ngw abeze, akavyuka kare mu gatondo, agatanga ibimazi vyoswa bihwanye n’igitigiri ca bose: kuko Yobu yavuga, ati Kumbure abahungu banje bācumuye, barogota ku Mana mu mitima yabo. Uko ni ko Yobu yahora agenza ubudasiba.


kukw ehe rāba, ugiye gusama inda, uvyare umwana w’umuhungu; kandi ntihaze hagire urupfuhe rumugera ku mutwe; kuk’ uwo mwana azoba Umunaziri ku Mana uhereye akiva mu nda; kandi ni we azotangura kurokora Abisirayeli, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya.


Maz’ uwo Munaziri yimoshereze umushatsi wiwe w’ubunaziri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, aheze yābīre uwo mushatsi wo ku mutwe wiwe w’ubunaziri, awushire mu muriro uriko ca kimazi c’ishimwe.


Iki ni co cagezwe co ku Munaziri, igihe arangije imisi y’ubunaziri bgiwe: az’ azanwe ku muryango w’ihema ry’ibonaniro,


Kandi ni hagira umuntu agwa bukumbi i ruhande yiwe, akanduza umutwe w’ubunaziri bgiwe, ku musi wo guhumanurwa kwiwe aze yimoshe: ku musi ugira indwi az’ abe ari ho yimosha.


Mu misi yose y’isezerano ryiwe ry’ubunaziri ntihaze hagire urupfuhe rugera ku mutwe wiwe: az’ abe uwera gushitsa ah’ imisi yo kunyiyegurira jewe Uhoraho izoshirira; az’ areke umushatsi wiwe utendere.


Uhoraho abarira Mose, ati Genda ku bantu, ubabgire biyeze uyu musi n’ejo, bamesure impuzu zabo,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite