Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Na bo bavyumvise bahimbaza Imana; maze baramubgira, bat’ Urabona, mwene Data, ingen’ Abayuda bizeye ar’ ibihumbi vyinshi; kandi bose bagira ishaka ry’ivyagezwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Bavyumvise bashima Imana, hanyuma bamubwira bati: “Mwene Data, ehe raba ingene ibihumbi vyinshi vy’Abayuda bizeye, kandi bose buzuye ishaka ryo kwubahiriza ivyagezwe vya Mose.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:20
28 Referans Kwoze  

Ndabashingira intahe yuko bafise ishaka ry’Imana, ariko si mu buryo bg’ubgenge.


Kandi mu bgoko bgacu narushije benshi bo mu bo twārukanye kuja imbere mw idini y’Abayuda, kuko nabarusha kugira ishaka ry’imigenzo twārazwe na ba sogokuruza.


ati Nd’ Umuyuda, navukiye i Taruso h’i Kilikiya, ariko nakuriye mur’ iki gisagara, nigishirizwa imbere y’ibirenge vya Gamaliyeli nk’uk’ uruhande rugoye rw’ivyagezwe vya ba sogokuruza ruri, ngira ishaka ry’Imana, nk’uko namwe mwese murifise uyu musi.


Maze haza abantu bamwe bavuye i Yudaya bigisha bene Data, bati Ni mutākebga, nk’uk’ umugenzo wa Mose uri, ntimuzoruha mukizwa.


Bumvise ivyo barīhorera, bahimbaza Imana, bati Noneho rer’ Imana ihaye n’abanyamahanga kwihana ngo baronke ubugingo.


Maze hava hasi bamwe bo mu muce w’Abafarisayo bizeye, baravuga, bat’ Abanyamahanga birakwiye ko bakebga, no kubabgiriza kwitondera ivyagezwe vya Mose.


ah’ azozira gushimirwa abera biwe kuri wa musi, no gutangarirwa kubg’ abāmwizeye bose, kukw intahe twashinze muri mwebge yemewe.


Kuko twumvise yuko bamwe bāvuye muri twebge bābahagarikishije imitima amajambo, bakayisangangura, kandi tutābibageze;


Nukw ijambo ry’Imana riragwira; abigishwa barōndōka cane i Yerusalemu, abaherezi b’akavuvu bumvira ukwizera.


Na bo bongeye kubahahiriza, barabarekura, babuze uko bobahana kubg’ abantu, kuko bose bāhimbaza Imana ku vyābaye.


Ariko benshi mu bumvise iryo jambo barizera, igitigiri c’abagabo gishika nk’ibihumbi bitanu.


Nukw abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kur’ uwo musi ku bāri basanzweho bāri nk’ibihumbi bitatu.


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Iy’ agatete k’ingano kataguye mw ivu ngo gapfe, kaguma uko kari konyene; arikw iyo gapfuye, gahunda impeke nyinshi.


arikw akanyamuneza no guhimbarwa biratubereye: kuko murumunāwe uyu yari yarapfuye, non’ arazutse; yari yarahavye, non’ arahabutse.


Mur’ ico gihe, ishengero ry’abantu ibihumbi vyinshi rikoranira kuri we, bakandagirana, ahēra ku bigishwa biwe, arababarira, ati Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ni wo buryarya.


Abo ku mpera zose z’isi bazokwibuka bahindukirire Uhoraho, Amoko yose yo mu mahanga azosengera imbere yawe.


Yemwe abubaha Uhoraho, mumutazire, Yemwe ruvyaro rwa Yakobo mwese, mumuhimbaze, Yemwe ruvyaro rwa Isirayeli mwese, mumutinye.


nuko bahimbaza Imana kubganje.


Ishengero ribibonye, riratinya, rihimbaza Imana yahaye abantu ububasha ben’ ubgo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite