Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Bukeye bg’aho Paulo yinjirana natwe kwa Yakobo, abakuru bose ni ho bāri bari.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Bukeye Pawulo ajana natwe tuja kuraba Yakobo, kandi n’abandi bakuru b’ishengero ni ho bari bari.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:18
12 Referans Kwoze  

Ariko mu zindi ntumwa nta wundi nabonye, atari Yakobo, mwene nyina w’Umwami Yesu.


Kandi bamaze kumenya ubuntu nahāwe, Yakobo na Kefa na Yohana, abashimwa kw ar’inkingi, badukora mu minwe, twe na Barunaba, ngo dufatanye na bo, ngo twebge tuje ku banyamahanga, na bo baje ku bākebge.


Barangije kuvuga, Yakobo aravuga, ati Bagabo bene Data, ni munyumvirize.


Babigenza bartyo, babirungikira abakuru, bijanye Barunaba na Sauli.


Yakobo, umugurano w’Imana n’uw’ Umwami Yesu Kristo, ndabandikiye abo mu miryango cumi n’ibiri y’abāsābagiye: muganuke.


Ar’i Mileto atuma muri Efeso, atumakw abakuru b’ishengero.


bandika icete, barakibarungikana, canditswe girtya, ngw Intumwa na bene Data bakuru turabatasha mwebge bene Data bo mu banyamahanga bari muri Antiyokiya n’i Siriya n’i Kilikiya.


Nukw intumwa n’abakuru bakoranira hamwe kuja inama y’iryo jambo.


Maze Paulo na Barunaba bamaze kugira ibihāri n’imibūrano itari mike n’abo bantu, abaho bahūza inama gutuma Paulo na Barunaba n’abandi bamwe bo muri bo, ngo baje i Yerusalemu ku ntumwa n’abakuru kubg’ iyo mibūrano.


Arabamama, abīgānira uk’Umwami Imana yamukūye mw ibohero, arababgira, at’ Ivyo mubibarire Yakobo na bene Data bandi. Arahava, aja ahandi.


Amazina y’izo ntumwa cumi na zibiri n’aya: Uwa mbere ni Simoni, yitwa Petero, na mwene nyina Andereya, na Yakobo mwene Zebedayo na mwene nyina Yohana,


kuk’ ushobora kumenya yukw imisi itarasāga icumi n’ibiri, uhereye aho nadūgiye i Yerusalemu gusengerayo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite