Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Bamwe mu bigishwa bavuye i Kayisariya turajana, bazana Umunyakupuro yitwa Munasona, yar’ umwigishwa wa kera, tuba ari we dusemberako.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Bamwe mu bigishwa b’i Kayisariya baraduherekeza badushikana kwa Munasoni, aho twategerezwa kurara. Uwo Munasoni yava i Kupuro kandi yari umwe mu ba mbere bizeye Kristo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:16
15 Referans Kwoze  

Imvi ku mutwe n’igitsibo c’ icubahiro, Kiboneka mu nzira y’ubugororotsi.


Bukeye bg’aho tuvayo, dushika i Kayisariya, twinjira mu nzu ya Filipo umuvuzi w’ubutumwa bgiza, n’umwe muri ba bandi ndwi, twaka indāro i we.


No mu busāza bazoba bacāma; Bazogira ubukame bginshi n’itōto:


mpisemwo kukwinginga kubg’ urukundo, uko ndi kose Paulo umutāma, kandi none nd’imbohe ya Kristo Yesu.


Muntahirize Andironiko na Yuniya, dusangiye umuryango, abābohanywe nanje, ni ba rurangiranwa mu ntumwa, ni bo bantanze kuba muri Kristo.


Havyuka imitongano ibatera gutandukana, Barunaba ajana Mariko, avudukayo ari mu bgato, afata i Kupuro;


Nukw abāsābagijwe n’amarushwa yabaye kubg’ ivya Stefano baragenda, bashika n’i Foyinike n’i Kupuro no muri Antiyokiya, ata bandi babarira ijambo ry’Imana atar’ Abayuda bonyene.


Avuga ko babatizwa mw izina rya Yesu Kristo. Baca baramwinginga ngw amarey’ imisi.


Bukeye bg’aho bashika i Kayisariya, Koruneliyo yar’ abīteze, yākoranije incuti ziwe n’abakunzi bo ku mutima.


Ariko Filipo abonekera muri Azoto, ahahita avuga ubutumwa bgiza mu bisagara vyose, kugeza aho yashikiye i Kayisariya.


Na Yosefu, uwo intumwa zise Barunaba, risobanurwa ng’Umwana wo guhanūra, Umulewi yavukiye i Kupuro,


Habaye imibūrano myinshi, Petero ava hasi, arababgira, ati Bagabo bene Data, murazi yuko kera Imana yantoranije muri mwebge kugira ngo mu kanwa kanje abe ari ho abanyamahanga bumva ijambo ry’ubutumwa bgiza, bizere.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite