15 Hanyuma y’iyo misi dutekera ibintu vyacu, turadūga tuja i Yerusalemu.
15 Inyuma y’ivyo duca turitegura, tuduga i Yerusalemu.
Fesito agomvye kwikundiriza Abayuda, abaza Paulo, ati Wokwemera kudūga i Yerusalemu gucirirway’ urubanza rw’ivyo mu maso yanje?
Amaze muri bo imisi itarenga umunani cank’ icumi, aramanuka aja i Kayisariya; bukeye bg’aho yicara ku ntebe y’imanza avuga ko bazana Paulo.
Nuko Fesito ashikiriye intāra amara gatatu, araheza ava i Kayisariya adūga i Yerusalemu.
Afashe i Kayisariya, aradūga aja i Yerusalemu, aramutsa ishengero, aramanuka, aja muri Antiyokiya.
Ivyo bishize Paulo agabira mu mutima wiwe guca i Makedoniya no muri Akaya aja i Yerusalemu, ati Ni namara gushikayo, nkwiye kuja kurāba n’i Roma na ho.
Maze twumvise ivyo, twebge n’abantu baho turamwinginga ngo ntadūge i Yerusalemu.