Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Yanse kubicungūrako, turīhorera, tut’ Ivyo Umwami agomba ni bibeho!

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Tubonye tudashobora kumugondoza turamureka, tuvuga tuti: “Ivyo Imana ishaka bibe ari vyo biba.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:14
10 Referans Kwoze  

ati Data, asangw’ ubigomba, kūra iki gikombe, kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.


Yongera kugenda ubga kabiri, arasenga, ati Data, asangwa bidashoboka yukw iki kindēngāna, shiti nkinywereyeko, ni bibe nk’uk’ ugomba.


Yunguruza imbere gatoya, arubama, arasenga, ati Data, asangwa vyoshoboka, iki gikombe ni kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.


ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru.


Maze Hezekiya yishura Yesaya, at’ Ijambo ry’Uhoraho uvuze ni ryiza. Yongera kuvuga, ati None si ko biri? Kazima hagiye kuba amahoro n’umutekano nkiriho.


Arababarira, ati Ni mwasenga, muvuge muti Data, izina ryawe ryubahwe, ubgami bgawe buze;


Nuko Samweli amudōndera vyose, ntiyagira ico amuhisha. Maze Eli aravuga, ati N’Uhoraho: n’akore ico ashima.


Imana Ishobora vyose ibahe guhāngazwa na we, ngw abarekurire mwene nyoko wundi, arekure na Benyamini. Nanje namba nzoba nyakamara, mbe ko!


Nawomi abonye yukw amaramaje kujana na we aca arahora.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite