Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Abājana na we bashikana no muri Asiya ni Sopatero mwene Puro w’i Beroya, n’ab’i Tesalonike ni Arisitariko na Sekondo, bo na Gayo w’i Derube, na Timoteyo, n’abo muri Asiya ni Tukiko na Tirofimo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 ajana na Sopatero mwene Puro w’i Beroya, na Arisitariko na Sekundo b’i Tesalonike, na Gayo w’i Derube, na Timoteyo, na Tukiko na Tirofimo bo muri Aziya.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:4
29 Referans Kwoze  

Maz’ igisagara cose kiravurungana, bashwabadukira icarimwe baja ku kibuga c’ibirori, bashika Gayo na Arisitariko Abanyamakedoniya, bāgendana na Paulo.


Erasito yagumye i Korinto, ariko Tirofimo namusize i Mileto arwaye.


Kandi Tukiko, mwene Data nkunda, umukozi w’umwizigirwa mu vy’Umwami wacu, azobīgānira vyose, kugira ngo mumenye ivyanje, uko mmeze.


Ni nagutumako Arutema canke Tukiko, uz’ ugire umwete wo kunsanga i Nikopoli; kukw ari ho nagabiye kuzomara urushana.


Ariko Tukiko namurungitse muri Efeso.


Tukiko mwene Data dukunda, umukozi w’umwizigirwa, umugenzi dukorana mu Mwami wacu, azobīgānira ivyanje vyose.


Kuko bāri babonye Tirofimo w’Umunyefeso ari kumwe na we mu gisagara, bagira ngo Paulo yamujanye mu rusengero.


Nukw ashika i Derube n’i Lusitira; hāriy’ umwigishwa yitwa Timoteyo, umwana w’Umuyudakazi umugore yizeye, ariko se yar’ Umugiriki:


barabimenya, bahungira i Lusitira n’i Derube, ibisagara vy’i Lukawoniya, no mu gihugu gihereranye na ho:


Arisitariko, uwo dusangiye umunyororo, arabatasha; na Mariko, mwene se wabo wa Barunaba, arabatasha, umwe mwabgirizwa ivyiwe: ni yaramuka aje i wanyu muze mumwākīre.


Jewe umushingantahe ndakwandikiye Gayo umukundwa, nkunda vy’ukuri.


na Mariko, na Arisitariko, na Dema, na Luka, abo dusangiye igikorwa, baragutasha.


ndakwandikiye Timoteyo, umwana wanje nkunda: ubuntu n’imbabazi n’amahoro bibe kuri wewe, biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umwami wacu.


Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’uko vyagezwe n’Imana Umukiza wacu na Kristo Yesu ivyizigiro vyacu,


Ariko nizigijwe n’Umwami Yesu yuko nzobatumako Timoteyo vuba, kugira ngo nanje nze nshire umutima hamwe, ni namenya ivyanyu.


Umwana w’Imana Yesu Kristo, umwe twabigisha ivyiwe, twe na Siluwano na Timoteyo, ntiyar’ Ego, kandi ngw abe Oya; ariko muri we harimw’ Ego me.


Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’ukw Imana yagomvye, na Timoteyo mwene Data, turabandikiye abo mw ishengero ry’Imana ry’i Korinto, n’abera bose bari muri Akaya hose:


Gayo arabaganūtsa, uwansembereje, kand’ akākīra n’abo mw ishengero bose. Erasito, aganza ivy’ ikori ry’iki gisagara, na Kwaruto mwene Data, barabaganūtsa. [


Timoteyo, dukorana, arabaganūtsa, bo na Lukiyosi na Yasona na Sosipatiro, dusangiye umuryango.


Dutambukira mu bgato bgāvuye muri Aduramutiyo, bugira bugende bujabukiranya ahantu ho muri Asiya haherereye ku kiyaga, tuvudukayo turi kumwe na Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike.


Bamaze guca muri Amfipoli no muri Apoloniya, bashika i Tesalonike, hārih’ isinagogi y’Abayuda.


Arikw abigishwa bahagaze bamukikije, aravyuka, aja mu gisagara; bukeye bg’aho avanayo na Barunaba, aja i Derube.


Tur’ Abapariti, n’Abamedi, n’Abelamiti, n’abamye i Mesopotamiya, n’i Yudaya, n’i Kapadokiya, n’i Ponto, no muri Asiya,


Baca mu gihugu c’i Furugiya n’i Galatiya, babuzwa na Mpwemu Yera kuvuga ijambo ry’Imana muri Asiya.


Arikw Abayuda b’i Tesalonike bamenye yukw ijambo ry’Imana rivugwa na Paulo i Beroya kandi, bajayo na ho, bavyura imivurungano mu bantu, babahagarika imitima.


Kuko Paulo yari yagabiye guca i ruhande ya Efeso, kugira ngo ntatebe muri Asiya: kuko yihuta, ngo ni vyashoboka umusi wa Pentekote uz’ ushike ar’i Yerusalemu.


Na bo bashitse ah’ ari, arababgira, at’ Ubganyu murazi ingene nabana namwe na ntaryo, uhereye umusi natanguriye gushika muri Asiya,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite