33 Nta co nifuje, ar’ ifeza ar’ izahabu ar’ ivyambarwa vy’umuntu n’umwe.
33 Sinigeze nipfuza ifeza, inzahabu canke impuzu vy’umuntu n’umwe.
kand’ aho nari kumwe namwe ngakena, sinagize uwo ngōra: kuko bene Data bavuye i Makedoniya bāmmaze ubukene. Muri vyose nirinda kubagora, kandi nzoshishikara kuvyirinda.
Abandi namba bāravyemerewe kuri mwebge, mbega ntitubarusha cane? Ariko ntitwarwaniye ivyo twemerewe, yamara twihanganira vyose, kugira ngo ntituzane ikidehesha ubutumwa bgiza bga Kristo.
Non’ ingero yanje n’inki? N’uk’ ubutumwa, uko mbuvuze, mbuvuga ku buntu, kugira ngo sindwanire ivyo nemerewe mu butumwa.
Muduhe ikibanza mu mitima yanyu; nta we twagiriye nabi, nta we twononye, nta we twagunze.
Kukw ata na rimwe twigeze kuvuga ijambo dushashe akarimi, murabizi, cank’ ijambo ryo guhisha ukwifuza, Imana ni yo cabona c’ivyo.
Ariko jewe ubganje nta co narwaniye mur’ ivyo: kandi sinandikiye ivyo kugira ngo nkorerwe ntyo. Ivyoba vyiza n’uko nopfuma mpfa, hak’ umuntu ahindura ubusa ivyo vyirato vyanje.
Muragire ubusho bg’Imana bgo muri mwebge, mutaburagira nk’abagōberewe, ariko mubikunze, nk’ukw Imana igomba: ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko muburagire mushize igikonyo.
Mose araraka cane, asaba Uhoraho, ati Ntiwemere amashikanwa yabo; urazi kw ata we nanyaze indogoba n’imwe, canke ngo hagire n’umwe nagiriye nabi.
mbega ntitwemererwa kurya no kunywa?
Canke mbega naracumuye kuko nicishije bugufi ngo mushirwe hejuru, mbabgiye ubutumwa bgiza bg’Imana ku busa?
Kuko bavuye i wabo kubg’ Izina rya Yesu, ata co batse abanyamahanga.