Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Ndazi yuko ni namara kuhava, amabingira y’inkazi azobinjiramwo atababaye umukuku.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Ndazi ko ninamara kugenda hazokwaduka abigisha b’ibinyoma bameze nk’amabingira y’inkazi binjire muri mwebwe, kandi bazogirira nabi ubusho.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:29
18 Referans Kwoze  

Mwirinde abīgira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’ amabingira y’inkazi.


Ariko hār’ abigira abavugishwa n’Imana kandi, mu bgoko bg’Abisirayeli, nk’uko no muri mwebge hazobah’ abigisha b’ibinyoma, bazozana inyigisho mu mpisho zirema ibice, zitera guhona: bazokwihakana na Shebuja yabaguze, bīhamagarire uguhona gutebutse.


Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzēzwa, kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso yayo.


Arik’ umucangero, atar’ umwungere bgite, kand’ intama atar’ iziwe, iy’ abonye ibingira rije, ata intama, agahunga: ibingira rikazisahura, rikazishwiragiza.


Ni mugende; rāba mbatumye muri nk’abana b’intama mu mabingira hagati.


Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe.


Azobona ibara, uwo mwungere w’imburakimazi ata umukuku! Inkota izomukubita ku kuboko, no ku jisho ry’i buryo: ukuboko kwiwe kuzonyunyuka rwose, kand’ ijisho ryiwe ry’i buryo rizohuma agahenebere.


Bazobona ibara, abungere batikiza intama zo mu canya canje, bakazishwiragiza! ni jewe Uhoraho mbivuze.


Abaganwa bo muri wo ni nk’intambge zīvuga; abacamanza bawo ni nk’amabingira agenda ijoro, atagira ico arāza na mba.


Ni wunamure amaso, urābe abaje baturutse i burārūko: mbeg’ umukuku wahawe uri hehe, wa mukuku wawe mwiza?


Abaganwa baho bameze nk’amabingira atabagura ico ahīze; bavisha amaraso, bagahonnya abantu, ngo bironkere inyungu.


ngo Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, n’ ukuri intama zanje ko zahindutse inyagano, zikaba ivyo kurya vy’ ibikōko vyose vyo mw ishamba, kubgo kutagira umwungere, kand’ abungere banje ntibarondere intama zanje, ariko bakīragira ubgabo, ntibaragire intama zanje;


Ni bakorokera mur’ ivyo vyago, bazofashwa buhoro: ariko benshi bazokwifatanya na bo mu buryarya.


Yemwe mwa busho buto, ntimutinye: kuko So bimuhimbara kubaha ubgami.


Nuko barangije kurya, Yesu abaza Simoni Petero, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urankunda kurusha aba? Na we at’ Ego, Mugenzi, wewe urazi ko nkunogera. Aramubgira, at’ Ahura imyagazi y’intama zanje.


Muragire ubusho bg’Imana bgo muri mwebge, mutaburagira nk’abagōberewe, ariko mubikunze, nk’ukw Imana igomba: ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko muburagire mushize igikonyo.


ko bābabgiye, bati Mu gihe c’iherezo hazoboneka abacokoranyi bagenda bakurikira ukwifuza kwabo kwo kutubaha Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite