Twanse ibiteye isoni bikorerwa mu mpisho, ntitugenda mu bugunge, ntidufudika ijambo ry’Imana, ariko kwerekana ukuri ni kwo twishimagirisha mu nyonga z’Imana ku mutima w’umuntu wese.
Iyaba bārabaye mu nama yanje baba bātumye abantu banje bumva amajambo yanje, kandi baba bārabahindukije bakava mu nzira yabo mbi, no mu bikorwa vyabo bibi.
rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Hagarara mu nyubakwa y’ingoro yanje Uhoraho, ubarire ab’ibisagara vyose vy’i Buyuda baza gusenga mu ngoro yanje, amajambo yose nkubarira yo kubabgira: ntusige na rimwe.
Nta jambo na rimwe mu yo Mose yageze yose, Yosuwa atāsomeye imbere y’ikoraniro ry’Abisirayeli ryose, hamwe n’abagore n’abana n’abanyamahanga bāgendana na bo.