Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 kuko ntacishije i ruhande mbabgira ivy’ Imana yagabiye vyose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Kuko ata na kimwe mu vyo Imana yashaka ko mumenya vyose ntababwiye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:27
23 Referans Kwoze  

Kandi murazi yukw ata jambo ribereye nacishije i ruhande kubabgira canke kubigishiriza imbere y’abantu mu nzu no mu yindi.


ariko nk’ukw Imana yatwemeye ko tur’ abo kuzezwa ubutumwa, ni ko tuvuga. Ntituvuga nk’abagomba kunezereza abantu, ariko nk’abagomba kunezereza Imana igerageza imitima yacu.


Twanse ibiteye isoni bikorerwa mu mpisho, ntitugenda mu bugunge, ntidufudika ijambo ry’Imana, ariko kwerekana ukuri ni kwo twishimagirisha mu nyonga z’Imana ku mutima w’umuntu wese.


Mbega mpinduwe umwansi wanyu no kubabgira ukuri?


Kuba mur’ uwo kwaduhesheje gucika ishamvu yayo, twashiriweho kera nk’ukw Iyo yabigabiye, ikora vyose nk’ukw imigabo yo mu mutima wayo iri,


Kukw ico nahawe n’Umwami wacu ari co nabashikirije namwe, yuk’ Umwami Yesu mw ijoro yaguzwemwo yābiriye umutsima,


Nabahaye akarorero muri vyose, yuko mu butame nk’ubgo, ari ko mukwiye gufasha abadakomeye, no kwibuka amajambo y’Umwami Yesu, ingen’ ubgiwe yavuze, ati Gutanga kuzana umugisha, kuruta guhabga.


uwo muntu amaze gutangwa nk’ukw Imana yabigabiye yikomvomvoye, ibimenye bitaribgabe, mumubambisha amaboko y’abagarariji, muramwica.


arikw Abafarisayo n’abigisha ivyagezwe bībujije inama z’Imana, kuko batābatijwe na we.


mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.


Yemwe mwa bagororotsi, munezererwe Uhoraho, muhimbarwe: Yemwe abafise imitima itunganye mwese, muvuze impundu y’umunezero.


Sinkibita abashumba, kuk’ umushumba atamenya ico shebuja akora; ariko mweho nabise abakunzi, kukw ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.


Iyaba bārabaye mu nama yanje baba bātumye abantu banje bumva amajambo yanje, kandi baba bārabahindukije bakava mu nzira yabo mbi, no mu bikorwa vyabo bibi.


Yamara Dawidi mu gihe ciwe amaze gukora ivy’ Imana igomba, arasinzira, ahamvya ba sekuruza, arabora.


Sinnyegeza ukugororoka kwawe mu mutima wanje; Mvuga agakiza kawe, n’ingen’ ur’ uwo kwizigirwa: Imbabazi zawe n’ukuri kwawe simbihisha ishengero ryinshi.


rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Hagarara mu nyubakwa y’ingoro yanje Uhoraho, ubarire ab’ibisagara vyose vy’i Buyuda baza gusenga mu ngoro yanje, amajambo yose nkubarira yo kubabgira: ntusige na rimwe.


non’ uyu musi ndabibabariye, ariko mwebge ntimwumviye Uhoraho Imana yanyu mu kintu na kimwe mu vyo yabantumyeko.


Maz’ uwo muntu arambarira, ati Mwana w’umuntu, urakanura manini, wumvishe amatwi yawe, ushire umutima ku vyo ngira nkwereke vyose; kukw icatumye uzanwa hano kwar’ ukugira ngo mbikwereke: ivyo ubona vyose ubimenyeshe ab’ inzu ya Isirayeli.


Nta jambo na rimwe mu yo Mose yageze yose, Yosuwa atāsomeye imbere y’ikoraniro ry’Abisirayeli ryose, hamwe n’abagore n’abana n’abanyamahanga bāgendana na bo.


Nuk’ ūvugishwa n’Imana Yeremiya abarira Zedekiya umwami w’i Buyuda ayo majambo yose ar’ i Yerusalemu,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite