Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Kandi none rāba, ndazi yuko mutazosubira kubona mu maso hanje, abo naciyemwo mwese mbabgira ivy’ ubgami bg’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 None rero ndazi ko mwebwe abo nabwiye Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami ata n’umwe azosubira kumbona.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:25
13 Referans Kwoze  

akabahanūra mu vy’ubgami bg’Imana, akigisha ivy’ Umwami Yesu Kristo, ashize amanga rwose, ata wumubuza.


cane‐cane bababajwe n’ijambo yababgiye ngo ntibazosubira kumubona mu maso. Maze baramuherekeza, bamugeza ku bgato.


Yesu agendagenda i Galilaya hose, yigisha mu masinagogi yabo, ababgira ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara n’ubumuga vy’uburyo bgose mu bantu.


Ndagomba ko mumenya ukuntu mbarwanira intambara, mwe n’ab’i Lawodikiya n’abatarankubita ijisho bose uko bangana,


Abo mu mashengero y’i Yudaya yo muri Kristo ntibāribgankubite ijisho,


ariko none ntihakinyagukiye mur’ ibi bihugu, kand’ uhereye mu myaka myinshi nifuza kuza i wanyu,


Ariko bizeye ubutumwa bgiza Filipo ababgiye bg’ubgami bg’Imana, n’ubg’ izina rya Yesu Kristo, barabatizwa, abagabo n’abagore.


Ivyagezwe, bo n’amajambo y’abāvugishwa n’Imana, vyabayeho gushitsa igihe ca Yohana: uhereye ico gihe ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana ni ho bgavugiwe, umuntu wese akabubandanira.


Ariko Yesu aramubarira, ati Reka abāpfuye bahambe abāpfuye babo, ariko weho genda, ukwize ivy’ ubgami bg’Imana.


Na we arababgira, ati Ni co gituma umunyabgenge w’ivyanditswe wese, amaze guhinduka umwigishwa w’ivy’ ubgami bgo mw ijuru asa na nyen’ urugo asokorora mu vyo atunze ibintu bisha n’ivya kera.


Uwumva wese ijambo ry’ubgami ntarimenye, wa Mubi araza, agasahura ikibibge mu mutima wiwe. Uwo ni we yabibge i ruhande y’inzira.


Uko mugenda kwose mwigishe, mut’ Ubgami bgo mw ijuru buri hafi.


Guhera ubgo, Yesu atangura kwigisha, ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite