Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 atar’ uko Mpwemu Yera anshingira intahe mu gisagara cose yukw ingoyi n’ivyago bintegeyeyo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Ico nzi gusa ni uko, mu bisagara vyose ncamwo, Mpwemu Yera aguma amburira ko umunyororo n’amakuba bindindiriye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:23
14 Referans Kwoze  

nanje nzomwereka imibabaro ukw ingana azoba akwiye kubabazwa ahōrwa izina ryanje.


kugira ngo ntihagire uwo muri mwebge anyiganyizwa n’ayo marushwa: kuk’ ubganyu muzi yukw ar’ ico twashiriweho nyene.


Tuhasanze abigishwa, dusībiray’ imisi ndwi: na bo bavugishijwe na Mpwemu babarira Paulo ngo yoye kuja i Yerusalemu.


Maz’ uwo mukuru w’abagabisha arabashikīra, aramufata, avuga ko bamufatisha iminyororo ibiri, abaza uw’ ari we, n’ic’ akoze ic’ ari co.


Aza aho turi, yābīra umukanda wa Paulo, awibohesha amaguru n’amaboko, aravuga, at’ Uku ni ko Mpwemu Yera agize: Nyen’ uyu mukanda, uku ni kw Abayuda bazomubohera i Yerusalemu, bazomushira mu maboko y’abanyamahanga.


baremesha imitima y’abigishwa, babahanūra ngo bagume mu kwizera: kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana.


namba twihangana, tuzokwimana na we; namba tuzomwihakana, na we azotwihakana;


Mpwemu abarira Filipo, ati Ni wēgēre uriya mukogote, ugendane na wo.


Ivyo mbibabgiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhūmure, jewe naranesheje isi.


kuko mfise bene mama batanu; ababgire uko bimeze, ngo na bo ntibaze baze hano hantu ho kubabarizwa.


Maze Sila na Timoteyo bamanutse, bavuye i Makedoniya, Paulo agōbērwa n’ijambo ry’Imana, ashingira intahe Abayuda yuko Yesu ari we Kristo.


Nashinze intahe mu Bayuda no mu Bagiriki y’ukwihana mu nyonga z’Imana, n’ukwizera Umwami wacu Yesu Kristo.


Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.


Ariko Mpwemu avuga avyeruye yuko mu bihe bizoza bamwe bazota ivyizerwa, bagashira umutima ku vy’ impwemu zizimiza no ku vy’ inyigisho z’abadayimoni,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite