Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Amaze guca mur’ ivyo bihugu, abahanūra mu majambo menshi, aja i Bugiriki.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Nuko aca muri iyo ntara yose aremesha abizera n’inyigisho nyishi zo kubatera intege, maze ashika mu Bugiriki,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:2
17 Referans Kwoze  

Nuko bene Data, ibisigaye, turabinginga tubahanūra mu Mwami Yesu, nk’uko mwize kuri twebge ingene mukwiye kugenda no kunezereza Imana (kandi ni ko mugenda), murushirize cane kugenza murtyo.


Kuk’ uguhanūra kwacu kutava mu buzimire, canke mu buhumane, kand’ atar’ ukw’ ubugunge:


Natwe ni we twamamaza, duhanūra umuntu wese, twigishisha umuntu wese ubgenge bgose, ngo dushikirize Imana umuntu wese ahīngūriwe muri Kristo:


nk’uko muzi ingene twari tumeze ku muntu wese muri mwebge, nk’uko se amera ku bana biwe, tubahanūra, tubaremesha, dushinga intahe,


Asubira kwūrira, amanyagura umutsima, ararya, ayāga na bo igihe kirekire, ashitsa no mu macaca, maz’ aragenda.


Nuko bene Data baca banyuruza Paulo na Sila mw ijoro baja i Beroya; maze bashitseyo binjira mw isinagogi y’Abayuda.


Bamaze guca muri Amfipoli no muri Apoloniya, bashika i Tesalonike, hārih’ isinagogi y’Abayuda.


tuvuyeyo dushika i Filipi, igisagara c’i Makedoniya gikuru mur’ iyo ntāra, cubatswe n’Abaroma. Tumara imisi mur’ ico gisagara.


Aca i Siriya n’i Kilikiya, aremesha amashengero.


baremesha imitima y’abigishwa, babahanūra ngo bagume mu kwizera: kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana.


Kand’ ashingisha intahe ayandi majambo menshi, arabahanūra, ati Ni mwikize ab’ iki gihe kigoramye.


Kuko mfoye Buyuda nk’umuheto, Efurayimu ndamushize mu ruge; kand’ abana bawe, Siyoni we, nzobateranya n’abana bawe Bugiriki we; nzoguhindura nk’inkota y’umuhizi.


Kand’ abarira abantu ubutumwa bgiza, abahanūrisha ibindi vyinshi;


Umugūmūko umaze gushira, Paulo atumakw abigishwa, arabahanūra, arabasezera, avayo ngw aje i Makedoniya.


Amaray’ amezi atatu; maz’ Abayuda bamugīriye inama yo kumutega agira atambukire mu bgato aja i Siriya, agabira gusubira inyuma aciye i Makedoniya.


Ariko nzoza vuba, Umwami wacu ni yabigomba; kandi s’amajambo y’abīkakīsha nzomenya, ariko n’ubushobozi bgabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite