Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Na bo bashitse ah’ ari, arababgira, at’ Ubganyu murazi ingene nabana namwe na ntaryo, uhereye umusi natanguriye gushika muri Asiya,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Bashitse, arababwira ati: “Murazi ingene nabanye namwe uhereye ku musi wa mbere nashikiye muri Aziya gushika uno musi.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:18
11 Referans Kwoze  

Maze Apolo akir’ i Korinto, Paulo aca mu bihugu vyo haruguru, ashika muri Efeso, asangay’ abigishwa bamwe.


Bashitse muri Efeso, abasiga ngaho; ariko we aragenda yinjira mw isinagogi, ahārīra n’Abayuda.


Bimara imyaka ibiri bimeze birtyo: nukw ababa muri Asiya bose bumva ijambo ry’Umwami wacu, Abayuda n’Abagiriki.


Ariko weho wakurikiye neza ukwigisha kwanje, n’ingeso, n’imigabo, n’ukwizera, n’ukutarambirwa, n’urukundo, n’ukwihangana,


Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.


Abājana na we bashikana no muri Asiya ni Sopatero mwene Puro w’i Beroya, n’ab’i Tesalonike ni Arisitariko na Sekondo, bo na Gayo w’i Derube, na Timoteyo, n’abo muri Asiya ni Tukiko na Tirofimo.


Kuko Paulo yari yagabiye guca i ruhande ya Efeso, kugira ngo ntatebe muri Asiya: kuko yihuta, ngo ni vyashoboka umusi wa Pentekote uz’ ushike ar’i Yerusalemu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite