Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ar’i Mileto atuma muri Efeso, atumakw abakuru b’ishengero.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Tukiri i Mileto, Pawulo aca atumako abakuru b’ishengero ryo muri Efeso, kugira ngo baze babonane.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:17
15 Referans Kwoze  

Icatumye ngusiga i Kirete kwar’ ukugira ng’ utunganye ivyasigaye, kandi mu gisagara caho cose ng’ uhashinge abakuru b’ishengero, nk’uko nabikubariye:


Babigenza bartyo, babirungikira abakuru, bijanye Barunaba na Sauli.


Abakuru b’ishengero baganza neza ni babiyumvire ko bakwiye guhabga icubahiro kirushiriza, kandi cane‐cane abacumukura mu kuvuga ijambo ry’Imana no mu kwigisha.


muri mwebge namba harih’ ūrwaye, n’atumekw abashingantahe b’ishengero, baze kumusengera, bamusīge amavuta ya elayo mw izina ry’Umwami wacu.


Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzēzwa, kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso yayo.


Kandi bamaze kubatorera abakuru mu mashengero yose, no gusenga bisonzesha, babaragiza Umwami Yesu, uwo bizeye.


Jewe umushingantahe ndakwandikiye Gayo umukundwa, nkunda vy’ukuri.


Jewe umushingantahe ndakwandikiye, mukamakare watoranijwe, mwe n’abana bawe abo nkunda vy’ukuri; kandi si jewe jenyene mbakunda, ariko n’abazi ukuri bose barabakunda,


Abashingantahe b’ishengero bo muri mwebge ndabahanūra, kuko nanje nd’ umushingantahe mugenzi wanyu, kandi nd’ icabona c’imibabaro Kristo yababajwe, kandi mfatanije namwe ubgiza buzohishurwa.


Bariko baraca mu bisagara, bagenda bababgira ivyo intumwa n’abakuru b’i Yerusalemu bāshinze, ngo bavyitondere.


bandika icete, barakibarungikana, canditswe girtya, ngw Intumwa na bene Data bakuru turabatasha mwebge bene Data bo mu banyamahanga bari muri Antiyokiya n’i Siriya n’i Kilikiya.


Nukw intumwa n’abakuru bakoranira hamwe kuja inama y’iryo jambo.


Bashitse i Yerusalemu, ishengero n’intumwa n’abakuru barabākīra, na bo babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose.


Bashitse muri Efeso, abasiga ngaho; ariko we aragenda yinjira mw isinagogi, ahārīra n’Abayuda.


Tuvuyeyo, bukeye bg’aho dushika imbere y’i Kiyo, ku musi ugira gatatu dufata i Samo, bukeye dufata i Mileto.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite