Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kuko Paulo yari yagabiye guca i ruhande ya Efeso, kugira ngo ntatebe muri Asiya: kuko yihuta, ngo ni vyashoboka umusi wa Pentekote uz’ ushike ar’i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Pawulo aca ahitamwo kubandanya adahagaze muri Efeso, kuko yanka kumara uwundi mwanya muri Aziya. Yariko yihutira ko, hamwe bimushobokeye, yoshika i Yerusalemu ku musi wa Pentekoti.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:16
17 Referans Kwoze  

Ariko nzotebera muri Efeso gushitsa kuri Pentekote:


Umusi wa Pentekote ushitse, bose bāri bakoraniye ahantu hamwe;


Ivyo bishize Paulo agabira mu mutima wiwe guca i Makedoniya no muri Akaya aja i Yerusalemu, ati Ni namara gushikayo, nkwiye kuja kurāba n’i Roma na ho.


Maz’ imyaka myinshi ishize, njanwayo no gushīra ubgoko bgacu ivy’ubuntu, no gutanga ibimazi.


Tuhasanze abigishwa, dusībiray’ imisi ndwi: na bo bavugishijwe na Mpwemu babarira Paulo ngo yoye kuja i Yerusalemu.


None rāba, ngiye i Yerusalemu mboshwe mu mutima, ntazi ibizombako nshitseyo;


Ariko tweho tumwitangira imbere dutambukira mu bgato, turajabuka dufata muri Aso, aho twari tugabiye guhitana Paulo: kuko yari yabishinze artyo, kugira ngo we ace i musozi.


Natwe tuvuduka i Filipi turi mu bgato hanyuma y’imisi y’imitsima itambiwe, tubasanga i Tirowa ku musi ugira gatanu, tumaray’ imisi ndwi.


Arikw asezerana na bo, ati Nzogaruka ikindi gihe, Imana ni yabigomba. Avuduka muri Efeso ari mu bgato.


Bashitse muri Efeso, abasiga ngaho; ariko we aragenda yinjira mw isinagogi, ahārīra n’Abayuda.


Kand’ umusi ukurikira amasabato ndwi muze muwugire mukuru, ari wo w’intangamarāra wo kugenya ingano, bo n’ umusi w’iyimbura rya vyose wo ku mpera y’umwaka.


Petero akomanga ku rugi rw’irembo, umukobga w’umugurano yitwa Rode aja kwumvīra.


Baca mu gihugu c’i Furugiya n’i Galatiya, babuzwa na Mpwemu Yera kuvuga ijambo ry’Imana muri Asiya.


Maze Apolo akir’ i Korinto, Paulo aca mu bihugu vyo haruguru, ashika muri Efeso, asangay’ abigishwa bamwe.


Abājana na we bashikana no muri Asiya ni Sopatero mwene Puro w’i Beroya, n’ab’i Tesalonike ni Arisitariko na Sekondo, bo na Gayo w’i Derube, na Timoteyo, n’abo muri Asiya ni Tukiko na Tirofimo.


Na bo bashitse ah’ ari, arababgira, at’ Ubganyu murazi ingene nabana namwe na ntaryo, uhereye umusi natanguriye gushika muri Asiya,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite