Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Umugūmūko umaze gushira, Paulo atumakw abigishwa, arabahanūra, arabasezera, avayo ngw aje i Makedoniya.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ya migumuko iheze, Pawulo aca atumako abigishwa abatera intege, hanyuma arabasezera, afata urugendo aja i Makedoniya.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:1
20 Referans Kwoze  

Hamwe twaja i Makedoniya umubiri wacu ntiwaribgatenzukirwe na gatoya, kuko twababajwe uburyo bgose; inyuma hār’ intambara, imbere hār’ ubgoba.


Ivyo bishize Paulo agabira mu mutima wiwe guca i Makedoniya no muri Akaya aja i Yerusalemu, ati Ni namara gushikayo, nkwiye kuja kurāba n’i Roma na ho.


Nuko guma muri Efeso, nk’uko nakugīriye inama hamwe naja i Makedoniya, kugira ng’ uteshe ba bandi ntibigishe ibiciye ukundi,


Muramukishe bene Data kugumbirana kwera.


Bene Data bose barabaganūtsa. Muramukanishe kugumbirana kwera.


Ariko nzoza i wanyu, ni namara guca i Makedoniya; kuko nzorinda gucayo.


Muramukanishe kugumbirana kwera. Amashengero ya Kristo yose arabaganūtsa.


Bose bararira cane, bagwa Paulo mw izosi, baramugumbira:


Paulo arururuka, amwubama hejuru, aramugumbira, ati Mureke gukoma induru, kuk’ ubugingo bgiwe bukiri muri we.


Maze Paulo mw ijoro arota inzozi, abona umugabo w’i Makedoniya ahagaze amwinginga, ati Jabuka uze i Makedoniya, udutabare.


amubonye, amujana muri Antiyokiya. Bamaray’ umwaka wose, bakorana n’ishengero, bigisha abantu benshi, kandi muri Antiyokiya ni ho abigishwa bātanguriye kwitwa Abakristo.


Kand’ amaso ya Isirayeli yar’ asigaye abona ivyijiji kubgo gusāza, ntiyar’ acihweza. Arabamwēgereza, na we arabasoma, arabagūmbīra.


Muramukanishe kugumbirana kwera.


tuvuyeyo dushika i Filipi, igisagara c’i Makedoniya gikuru mur’ iyo ntāra, cubatswe n’Abaroma. Tumara imisi mur’ ico gisagara.


Amaze guca mur’ ivyo bihugu, abahanūra mu majambo menshi, aja i Bugiriki.


Amaray’ amezi atatu; maz’ Abayuda bamugīriye inama yo kumutega agira atambukire mu bgato aja i Siriya, agabira gusubira inyuma aciye i Makedoniya.


n’ubushobozi bg’ibimenyetso bikomeye, n’ibitangaza, n’ubushobozi bga Mpwemu Yera. Ivyo vyatumye nshitsa ubutumwa bga Kristo, utanguriye i Yerusalemu, ugakikuza, ugashika no muri Iluriko,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite